Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Ibihumbi vyabantu na cane cane ababa mu gisagara ca Bujumbura bazindukiye mw’ibarabara kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 24/09/2026 mu ntumbero yo kwiyamiriza icegeranyo c’abahinga  b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU baheruka gusohora.

Aba bantu bakaba bihaye amabarabara inyuma yaho hari umurwi w’abantu biyitwa abava mu bwoko bwabatutsi bari bamaze imisi 2 baja mwibarabara mu kwiyamiriza ico cegeranyo.

Aba bagiye mwibarabara rero bose bakaba bari bafise ubutumwa bumwe bose aho biyamiriza ico bita inkono ishushe y’ihonyabwoko uwo murwi wa ONU usa nuwaremetse uBurundi.

Mu vyapa aba bari mwibarabara bari bafise bikaba vyinshi vyari vyanditseko ko mu Burundi atahonyabwoko rishobora kuba na gato ndetse kwataniryo bashaka kuko Abarundi ari urunani rumwe.

Raba amafoto yabari muriyo myiyerekano ngaho musi

ctikiljxgaabykpctikgtbxyaahhtectikefuw8aisde3ctikck5weaavnfp


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Leave a Reply