Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umukuru w’igihugu c’uBurundi bwana Pierre Nkurunziza yagendeye ikambi ya gisirikare ya 2eme Region Militaire iherereye mugihugu hagati mu ntara ya Gitega.

Kuruyu wa gatanu itariki 27-munyonyo 2015 umukuru w’igihugu arikumwe n’abatwara intwanza ngabo kurwego rwo hejuru bagendeye ikambi ya gisirikare y’igitega muntumbero yo kuraba ingene bobungabunga amahoro n’umutekano ,hatibagiwe no kubashimira kukwitanga bakora kugira mugukingira igihugu.

Uru rugendo rwa Petero Nkurunziza ,yarukoze arikumwe na General Prime Niyongabo asanzwe atwara ibiro bikuru vy’intwaza ngabo z’uBurundi ,hamwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi bwana Emmanuel Ntahomvukiye.

             *Murakarorero ,kandi murahesha igihugu canyu icubahiro  n’agateka gikwiye ,sije ndabivuga gusa  n’abandi baravyemeza ko muri abasirikare bakarorero:Pierre Nkurunziza mw’ijambo  ryiwe

Nkuko vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu mwijambo yashikirije yamenyesheje ko ashimira cane intwaza ngabo zose z’uBurundi kurugamba bariko rwo kubungabunga amahoro n’umutekano ,yongera arabashimira kubwitange bagira mukubungabunga amahoro n’umutekano mubihugu baba barungitsemwo .

Aha twobibutsa ko abasoda babarundi basanzwe bari mu bihugu atari bike vya Africa aho twovuga nka Somalia ,Sudan na Mali .

 Raba hasi amwe mu mafoto 12291929_511360589046935_5283436934205994636_o 12295497_511360562380271_4170510163279180676_n

 


Categories: Muhira

Leave a Reply