Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Shane Adriano na Tristian Res Bakoze ubugeni bwambere kugwego rwa gisirikare ,ndetse nk’abasirikare bambere ba reta zunze ubumwe bwa Amerika bakoze ubugeni  kumugaragaro bakubakana basanzwe basangiye ibitsina.

Mubisanzwe Shane Adriano na Tristian Res bari basanzwe babonwa nk’incuti zisanzwe kuko kenshi bakunda kwamana igihe kirekire,ibi vyatuma bamwe mu baganzi babo bibaza ko boba bahuza ibitsina babisangiye ariko bakabiburira ivyemezo.

Shane Adriano na Tristian Res naho bari basanzwe bafise imigambi yo kuzokwibanira bakubakana kandi basangiye ibitsina,aba basore ntibigeze narimwe bashaka kw’isi yose yobimenya kuko bashaka kubikora mukinyegero.

313F4A9400000578-3448558-image-a-4_1455578188283

Aba basore ibanga ryabo niryabaye rikibaye ibanga kuko ,uburongozi bw’igisirikare ca reta zunze ubumwe bwa Amerika  bwanezerejwe cane niki gikorwa caba basore bituma ,ubu burongozi bwa American Military Partner  bushira amafoto yaba basore babiri bariko barasomana kurubuga nguruka bumenyi bwa Facebook,ndetse iyo foto iza gukurikirwa n’amajambo yo kubashimagiza.

Umwe mubakuru mu nzego za gisirikare za Reta zunze ubumwe bwa Amerika azwi nka Alexandria Recker  yagize ati:NUMVA NOBASHIMIRA INCURO ZIRENGA IBIHUMBI,NDABASAVYE NTIMUHE UMWANYA ABAZA GUSHAKA KUBEREKA KWATACO MWIGEZE MUSHIKAKO MU BUZIMA BWANYU KUKO MWAKOZE IGIKORWA CIZA CANE ,NDETSE KO MUBEREYE N’AKARORERO ABANDI.”

Aba bahungu babiri bakiri bato cane akaba aribo basirikare bambere bakoze ubugeni bahuje ibitsina inyuma yaho umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika yongeye gushiriraho iryo tegeko mu mwaka wa 2011,kuko ryari ryarakuweho mu gisirikare ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika gushika mu mwaka wa 2011.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu, Urukundo

Leave a Reply