Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Amakuru abandanya avugwa n’inzego zijejwe umutekano mu gisagara ca Bujumbura nifatwa ry’ibikoho binini binini bibiri vyafatiwe mugisagara ca Bujumbura muri zone ya Jabe.

Nkuko vyashikirijwe n’inzego zijejwe umutekano mugisagara ca Bujumbura zemeje ko mw’isakwa ry’ibigwanisho ryakozwe mugisagara ca Bujumbura kuruyu wa kane  mu bice vya Jabe hamwe na nyakabiga hashoboye gutorwa inkoho zitari zimenyerewe .

Inzi nkoho zatowe zikaba zigizwe ahanini  n’inkoho zo mubwoko bwa Mortier 60 zishika kuri zibiri ,hamwe nama chargeur y’inkoho ya Kalashnikov ,hamwe nama Obus yakoreshwa murivyo bikoho.

12645034_533367210179606_7025675492702508398_n

Igipolisi kikaba camenyesheje ko ivyo bikoho vyafashwe arivyo vyahora bikoreshwa mukumijagira ama Obus mugisagara ca Bujumbura.

Tubibutse ko mukwezi kwa nzero itariki 4 2016 hatewe iki Obus mugisagara ca Bujumbura kigakomeretsa cane umukenyezi yari mugisagara ca Bujumbura kumirimo yiwe.

inkoho

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply