Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Nkuko bivurwa n’igipolice c’uBurundi kibicishije kuwusanzwe amenyesha amakuru bwana Pierre Nkurikiye  kimenyesha ko mumishwamirano yabaye hagati yabari bavuye guhamba uwabo ndetse hakaza kuvamwo nukurasana ko hoba hitavye Imana umuntu umwe gusa mugihe abandi bashika 10 bafashwe naho uwundi arakomereka.

Ariko ivyo bitegwa ivyatsi cane nabatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD kuko bobo bemeza ko abantu basize ubuzima muriyo mushwamirano bari hagati ya 10 na 16.

Iyi mishwamirano ikaba yabaye hagati yabantu bari bavuye guhambana uwabo iteka kw’itongo ryabapfuye ryo kumpanda, kw’ibarabara rya Bujumbura -Bubanza mugace ka Buringa.

Nkuko vyabandanijwe bivugwa n’igipolice ,bwana Pierre Nkurikiye yavuze ko abapolice b’igihugu bahagaritse imodoka yarimwo abo bari bavuye guhamba ababo kumvo zo gushaka kuyisaka ,ariko ngo muriyo modoka hakaba harimwo abantu bitwaje ibirwanisho ,ari nako ngo guca batangura kurasa aba police hama aba police nabo barabasubiza,ari nako guca hahita hitaba Imana umuntu umwe mugihe abandi ngo bakomeretse hagafatwa na benshi.

Ariko kurundi ruhande  rwabatavuga rumwe na Reta babicishije kumbuga zabo ngurukana bumenyi  bemeza yuko atamuntu numwe yari muriyo modoka yigeze arasa abajejwe umutekano ,ahubwo ko abapolice babarashemwo amasasu menshi batazi ico bivuyeko .

Murico kibanza nyene habereyemwo iyo mushwamirano hakaba habonetse ikiziga c’umuntu umwe yari yitavye Imana mugihe habonetse abandi bari baboheye amaboko imugongo baryamitswe hasi.

Bishasha.com

 

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply