Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yaho abamenyesha makuru Babiri Jean Philipe Remy Na Phil Moore Bakorera Ikinyamakuru Lemonde Bahagirikiwe N’igipolice Muri zone Nyakabiga Kibafatana Nabandi Banyagihugu Begera Kuri 15 Harimwo N’abakenyezi 2 igihugu c’uBufaransa camaze gutangaza ko cahagaritse imfashanyo ya gisirikare cahora kigenera uBurundi.

Inyuma yo kumenya kwaba bamenyesha makuru bafashe n’inzego z’umutekano z’uBurundi bakanapfungirwa mubiro vy’iperereza ry’uBurundi ,umushikiranganji w’igenderanire n’ayandi makungu w’uBufaransa bwana Laurent Fabius yasavye vyihuse ko aba bamenyesha makuru barekurwa mumaguru masha.

Aka kamo ko gusaba irekurwa ryaba bamenyesha makuru ntikatewe na Laurent Fabius gusa kuko n’ikinyamakuru bari basanzwe bakorera Le Monde naco casavye irekurwa ryabo atakirizwe gusaba.

Inyuma yubwo buremere bw’izo ndongozi z’ubufaransa ,aba bagabo babiri bari bafashwe bakekwako gufasha abasanzwe bahungabanya umutekano mu gisagara ca Bujumbura hamwe no kuba munzu yabikwamwo ibigwanisho baciye barekurwa bidatevye inyuma y’amasaha atagera kuri 24 bafashwe.

Naho aba bamenyesha makuru babiri barekuwe bakidegevya ,Leta y’u Bufaransa  ikaba yaciye iba iratangaje ko  ihagaritse imfashanyo yahora itanga kuntwazangabo z’uburundi.

Abasirikare b'igihugu c'uBufaransa bariko barakarishiriza ubwenge intwazangabo z'uBurundi

Abasirikare b’igihugu c’uBufaransa bariko barakarishiriza ubwenge intwazangabo z’uBurundi

Tubibutse ko igihugu c’uBufaransa ari kimwe mubihugu vyafasha reta y’uBurundi guha inyigisho za gisirikare ,intwaza ngabo z’uBurundi na cane cane ababa bagira barungikwe mu butumwa bwo kugwanya iterabwoba mu bihugu nka Somalia hamwe na Centre Afrika.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply