Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yaho umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika bwana Barack Obama afatiye ingingo yo gufatira ibihano bamwe mubategetsi begereye Pierre Nkurunziza,ikindi gihugu kiri mubigize ubumwe bwaburaya cafatiye  intwaza ngabo hamwe n’abapolisi b’uBurundi bagerakuri 4 ibihano.

Naho vyari bimaze igihe bivurwa ko igihugu ca Suisse coba carafatiye ibihano bamwe mubategetsi b’uBurundi ariko ntihamenyekane neza amazina yabo bafatiwe ibihano,kurubu amazina yabo bafatiwe ibihano yamaze kumenyekana.

1.Godefroid BIZIMANA:uyu akaba ari cumuyobozi w’igipolisi c’uBurundi PNB ,akaba guha abapolisi uruhusha rwo gukoresha inguvu mugutuza abariko biyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.
2.Gervais NDIRAKOBUCA(ndakugarika) uyu asanzwe ari umwe mubasoda bo kurwego rwo hejuru akaba ari mumugabwe wa CNDD FDD akaba anari mubashigikiye cane ikiringo cagatatu c’umukuru w’igihugu bwana Pierre Nkurunziza.
3.Mathias Joseph NIYONZIMA(Kazungu):uyu asanzwe azwi cane murwego rujejwe iperereza ,akaba yaravuzwe cane mugihe c’imyiyerekano yariko irakorwa n’abadashikikiye ikiringo ca gatatu

4.Leonard NGENDAKUMANA:uyu nawe nyene asanzwe ari umusirikare akaba yarahunze inyuma igihugu ,asanzwe afise ipeta rya General ,akaba yigeze kuvugira kuri television yo muri Kenya ko abatera ama grenade mugisagara ca Bujumbura ari abayoboke babo:Leonard Ngendakumana akaba ari no mubagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 rusama 2015.

Ibi bikaba bibaye mugihe hasigaye imisi mike cane ngo hatangure ibiganiro hagati y’uBurundi n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya kugira abategetsi b’uBurundi bisigure kubimaze imisi bibera mu Burundi.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply