Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Ifoto y’umwana w’umwigeme akiri muto cane yambaye impuzu z’umugabwe CNDD FDD afise n’inkoho iriko iravugisha benshi.

Iyi foto yuyu mwana yambaye impuzu z’umugabwe usanzwe uramutswa ubutegetsi kuva mu mwaka wa 2005 gushika aya mango iriko iravugwako vyinshi na cane cane ko iyi foto yabonetse uyu mwana afise inkoho mu ntoke ziwe ,kandi ninyuma yiwe hari ibiranga umugabwe CNDD FDD .

Umwana yambaye impuzu z'umugabwe CNDD FDD afise inkoho

Umwana yambaye impuzu z’umugabwe CNDD FDD afise inkoho

Inyuma yaho iyo foto imaze kugira hanze abantu benshi batanguye kwibaza yuko iyo foto yoba ariyakozwe muri bimwe bita Photoshop .

Kurundi ruhande abandi batanguye kwibaza kwari ivyoba vyakozwe n’abatavuga rumwe n’umugabwe CNDD FDD kugira babacafuze bongere bacafuze n’izina ry’umugabwe wabo.

Mugihe abandi bemeza neza yuko ibi vyakozwe n’umugabwe CNDD FDD ,kuko ngo ataba aribwo bwambere babikoze.

Tubibutse ko mumezi make dusize inyuma hari hibonekeje uyundi mwana w’umuhungu nawe akiri muto cane nawe afise inkoho k’urutugu.

12540620_1015335068532795_4876094382965028870_n

.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply