Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Ntibikiri ibinyegezwa inyuma yigihe gito cane umurwi Red Tabara wiyemeje gukura Petero Nkurunziza hakoreshejwe umuheto umenyesheje ko general major Melchiade Biremba ariwe arongoye ibiro bikuru vya gisirikare vyuwo murwi ,amafoto yerekana isura yiwe yamaze kuja ahabona.

General major Melchiade Biremba, yavutse  mu mwaka wa 1976 avukira mu ntara ya Cankuzo yahejeje amashure yiwe yisumbuye mu mwaka wa 2000 ,inyuma yo guheza amashure yiwe yisumbuye General major Melchiade Biremba yaciye muri SMO (Service militaire obligatoire) nkuko benshi babikora iyo bahejeje amashure yabo yisumbuye mu Burundi.

mu mwaka wa 2002 ,General major Melchiade Biremba yinjiye muri Kaminuza mu gisata c’amategeko ,nayo yinjiye muri kaminuza vyamufashe igihe kingana n’imyaka 8 kugira ashobore kumara amashure yiwe naho bitamukundiye kubera ingorane yaciye ahura nazo.

general major Merchiade Biremba

General major Melchiade Biremba

Mu kwezi kwa mukakaro mu mwaka wa 2010,niho General major Melchiade Biremba yarafise imigambi yo gusoma igitabo ciwe ariko ntivyakunze kuko yaciye afatwa n’inzego z’ijejwe umutekano z’uBurundi,aca aja gupfungwa zira guhungabanya umutekano no gushaka gukora umurwi wabarwanyi ba gisirikare waruko uravugwa ko ushaka kuvukira muri Congo.

General major Melchiade Biremba yaje kurekurwa mu mwaka wa 2011 ,aca ahungira muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo .

Kurundi ruhande naho General major Melchiade Biremba ,yahawe iri peta rikomeye cane  muvyerekeye igisirikare n’umurwi Red Tabara ,ntanahamwe haboneka ko yigeze akora ivyerekeye igisirikare canke ko yoba yarize ivyerekeye ivyagisirikare .

General major Melchiade Biremba ubu akaba abaye uwakabiri yemejwe n’imirwi yafashe ibirwanisho ko ayirongoye ,inyuma ya FOREBU irongowe na  Gen Maj Godefroid Niyombare.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply