Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inama ijejwe umutekano kw’isi yasize hanze urwandiko rwemeza ronkengera rukagiriza igihugu c’uRwanda gukoresha imyimenyerezo ya Gisirikare zimwe mu mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi ya Mahama mu Rwanda mu ntumbero yo gukora igisirikare kugira bakure kunguvu umukuru w’igihugu c’uBurundi Petero Nkurunziza.

Iki cegeranyo cakozwe n’abahinga bo mw’ishirahamwe rijejwe amahoro n’umutekano kw’isi cagiye hanze kuruyu wa gatatu kikaba casohowe n’ibiro vyo kumenyesha amakuru vyo mu bwongereza Reuters ,Iki cegeranyo kikaba kirimwo ahanini ivyemezo vyinshi birega igihugu c’uRwanda kuba kiriko kirivanga cane mu bibazo vy’uBurundi hamwe no gukwegera abana batarakwiza imyaka 18 kuja mu  Gisirikare .

Iki cegeranyo kivuga ko mubagwanyi  bashoboye gufatirwa mugihugu ca Congo Kinshasha ,benshi muribo babwiye aba bahinga ba ONU ko bajebava   mw’ikambi y’impunzi yi Mahama munyuma bakaza gukora imyimenyerezo ya Gisirikare ya mezi agera kuri 2 mwishamba rya Nyungwe riri mugihugu c’uRwanda ,ndetse bakaba bakoreshwa iyo myimenyerezo n’abasirikare bu Rwanda.

 

Naho aka kanama kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi (ONU)gasohoye iki cegeranyo ,kije inyuma yibindi vyinshi bimaze gusohoka ,aho amwe mumashirahamwe mpuzamakungu araba agateka k’impunzi yagiye aramenyesha ko impunzi ziri mugihugu c’uRwanda ziriko zirigishwa ivya gisirikare kugira zize gukura Petero Nkurunziza ku Butegetsi.

Uwuserukira igihugu c’Urwanda muri Onu, Eugene Gasana, yahakanye ivyo ico gihugu cagirizwa biri muri ico cegeranyo, aca abwira Reuters ko, “ Ivyo bije kugira ingaruka mbi ku cizere c’uwo mugwi w’abahinga, biboneka ko barenze akarimbi mu kurenga k’uvyo bari bajejwe, kuko biboneka ko bagize amatohoza ku Burundi.”

Naho iki cegeranyo kitavuga neza uko abo basirikare bangana ,Michael Boyce umwe mubahinga bajejwe ivyimpunzi ku mugabane wa Africa asanzwe ari mw’ishirahamwe Refugee international yaheruka kumenyesha mukwezi kwa Kigarama ko aba basirikare baharurigwa mu Bihumbi kandi ko baguma barondera ukuntu baba benshi ndetse bahiga ukungene boshobora guhiga abagwanyi mu makambi yose y’impunzi arimwo abarundi haba mu Rwanda canke muri CONGO.

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply