Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

 

Ibwa yakijije umwana w’akayoya ariho yarakivuga ,mugihe nyina wiwe amuvyara yari yamutaye ahasanzwe hatabwa umwavu  agiheza kumuvyara.

Nkuko vyashikirjwe na SADA kimwe mubinyamakuru vyo muri  Saudi  Arabia,umumenyesha makuru w’ico gitangaza makuru yafotoye ibwa ifise umwana mukanwa bikiboneka neza yuko uwo mwana yaramaze akanya gato avutse kuko uwo mwana w’uruyoya yaragifise n’uruzogi kuriwe.

Iy’imbwa yatoye uyu mwana aho basanzwe bata umwavu,muri kimwe mugisagara ca Arabia Saudite ,iyi bwa ikaba yaciye imushira mukanwa kayo imujana imbere y’urugo rw’umuntu ahari hegereye aho uwo mwana yari yatawe ariko  anyarukanwa kwa muganga n’abantu baho kurugo rugo kugira bamurokorere ubuzima.

Abantu benshi batangajwe n’igikorwa c’iyi mbwa kuko iyi bwa yajanye uwo mwana ikamushikana atigeze akomereka kandi yarimufise mukanwa kayo.

Iki gikorwa iyibwa yakoze c’atangaje abantu benshi kukuntu imbwa yashobye gukiza umwana w’uruyoya mugihe nyina w’iwe amuvyara yari yahisemwo kumuta mumwavu(mwiyarara)

Abategetsi ba Arabie Saudite bakaba baciye batangura guhigisha umugore yari yataye uyu mwana mu mwavu ,mugihe iyibwa yoyo yafashwe n’intwari (hero) yuyu mwana.

b54cecccc0664906a51b5eea6228e52f

 

 


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply