Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Murukino rwahuje umurwi wa Fc Barcelona hamwe n’umurwi wa Deportivo ,umukinyi w’umusatirizi wa Fc Barcelona ,Luis Suarez yinjije ibitsindo 4 kuruhande rwiwe bica bituma ashirwa mu gitabo cakahise kumurwi wa Fc Barcelona.

Ku kibuga cayo  ca Riazor umurwi wa  Deportivo La coruna wahatsindiwe ibitsindo benshi bise imvura yibisindo kuko yahatsindiwe ibitsindo 8 vyose nayo itigeze ibona na rimwe mw’igori.

Muribi bitsindo vyinjiye ,umukinyi w’imbere wa Fc Barcelona ,luis Suarez yinjijemwo ibitsindo bine ndetse bica bimuha amahigwe yo kugira ibitsindo 30 mu marushanwa yo mugihugu ca Espagne.

Gutsinda ibi bitsindo vyatumye Luis Suarez agira ibitsindo bishika kuri 49 mw’irushanwa ryo mu mwaka wa 2015-2016 ndetse bituma arenza ibitindo igihangange Ronaldo yatsinze mugihe yakinira umurwi wa Fc Barcelona mu mwaka wa 1996-1997.

Luis Suarez kw'ifoto na Ronaldo uwahoze ari umukinyi wa Fc Barcelona mu mwaka wa 1996

Luis Suarez kw’ifoto na Ronaldo uwahoze ari umukinyi wa Fc Barcelona mu mwaka wa 1996

Ibi bitsindo ntivyaje vyonyene kuko Luis Suarez yashoboye gutanga n’imipira itatu yavuyemwo ibitsindo bica bituma aba umukinyi wambere mw’irushanwa ry’umupira wamaguru muri Espagne yinjije ibitsindo 4 akongera agatanga imipira ivamwo ibitsindo 3.

Luis Suarez ubu akaba aza kumwanya wa kabiri mu bakinyi bafise ibitsindo vyinshi muruyu mwaka akaba aza inyuma ya Cristiano Ronaldo asanzwe afise ibitsindo 31 .

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply