Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kuruyu w’Imana igenekerezo rya 22 munyonyo 2015 ,abantu bitwaje ibirwanisho bateye ibisasu vya Mortier vyo mubwoko bwa 60 ,aho bateye ivyo bisasu barondera cane cane ivyuma vy’iradiyo nkuru hamwe n’imbonesha kure y’igihugu.

Ibi bisasu vyatewe mugisagara ca Bujumbura aho benshi basanzwe bazi nka Muse Vivant ,ahasanzwe haribimwe mubikoresho (antene y’iradiyo n’imboneshakure vy’uburundi RTNB)

Mumakuru twashoboye kuronka ,nuko ivyo bisasu vya mortier 60 vyononye imwe munyubakwa yo mu kigo ca Musee Vivant ndetse haza gushikirwa na antene y’iradiyo hamwe na television vy’igihugu RTNB .

12274698_502825413211972_7288307770342897830_n 12299131_925843434131942_8032697077254636306_n

Amakuru ava ngaho nyene abandanya yemeza neza yuko ,murico kibanza hatewe ibisasu vyo mubwoko bwa Mortier bishika 2 kandi vyose bikaba vyatewe birondera inyubakwa z’isamirizi hamwe n’imboneshakure vy’uBurundi RTNB .

Inyuma yivyo bisasu ,bamwe mubakozi ba RTNB baremeza neza yuko ivyo bisasu ataco vyashoboye kwonona muvyerekeye itumatumanako haba muvyamajwi canke muvyamasanamu kuri RTNB ,ariko akaba bemeza ko kimwe mucuma cabo cashikiriwe n’ivyo bisasu ariko nticononekara bimwe vyotuma kidashobora gukora.

Ibi bibaye inyuma yaho hari hamazwe imisi havugwa iterwa ry’ibi bisasu vyo mubwoko bwa Mortier mu gisagara ca Bujumbura naho umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye yari aheruka kumenyesha kwatagisasu ca Mortier giheruka guterwa mugisagara ca Bujumbura.

 

 

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply