Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Igipolisi c’Uburundi gifadikanije n’igisirikare babandanya gukora igikorwa co kwaka ibigwanisho bicira umuriro abatabifitiye uruhusha haba mugisagara ca Bujumbura hamwe no mu ntara zo hagati mugihugu.

Nkuko tubikesha Komiseri w’igipolisi  mu ntara ya Rumonge OPC1 Donatien Manirakiza ,yamenyesheje ko mwisakwa ry’ibigwanisho ryakozwe n’inzego z’igipolisi hamwe n’izigisirikare kuruyu wa mbere nzero 2016 muriyo Ntara ya Rumonge ,bashoboye gufata ibirwanisho vyinshi cane.

OPC1 Donatien Manirakiza yabandanije amenyesha ko muvyafashwe harimwo:

Inkoho cumi(10) zo mu bwoko bwa Kalashnikov

Amasasu 172 y’izo nkoho za Kalashnikov

Inkoho imwe yo mu bwoko bwa mitrailleuse namasasu yayo 321

Igikoho kinini ca Lance roquette

Inkoho imwe yo mu bwoko bwa Pistol

Amagrenade ashika kumunani

Ama chargeurs agera kuri 8

Amabombe abiri

Ibirwanisho vyafashwe

Ibirwanisho vyafashwe

OPC1 Donatien Manirakiza akaba yabandanije amenyesha ko iki gikorwa cabereye kumutumba wa Busiga yo muri komine ya Burambi hamwe no kumutumba wa Kizuka na Gatwe vyo mu Ntara ya Rumonge.

OPC1 Donatien Manirakiza akaba yashimiye cane abanyagihugu bo kuriyo mitumba bashoboye kumenyesha hakiri kare abajejwe umutekano kugira ivyo birwanisho bifatwe bitariha ibara.

Inyuma yifatwa ryivyo bigwanisho abantu batatu bakaba baciye bafatwa n’inzego zijejwe umutekano ,ubu bakaba bafyungiwe mugasho kinyamira mabi ko mu kizuka kumvo yo gukora amatohoza bamenye neza iyivyo bigwanisho vyazananye.

.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply