Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abasanzwe bari mu nzego zo hejuru murunani  CNARED giriteka rusanzwe rwarihaye intumbero yo guharanira amasezerano ya Arusha hamwe n’ukwubahiriza ibwirizwa nshingiro ry’uBurundi bagiye hamwe kugira bige ingene ibiganiro bikurikira bizogenda.

Uyu mubonano wabasanzwe bari murunani CNARED giriteka wabereye mugihugu c’ububirigi imbere y’umusi umwe gusa kugira umuhuza ajejwe ikibazo c’uBurundi hamwe no kwumvikanisha impande zose zirabana ayingwe , bwana Mkapa ashike murico gihugu kubonana n’indongozi z’urwo runani.

Amwe mumafoto yaranze uwo mubonano

Amwe mumafoto yaranze uwo mubonano

Uyu mubonano wa CNARED giriteka ukaba ubaye inyuma yaho bamwe mubasanzwe babarizwa mugwo runani harimwo numurongozi wabo bankiye kuja mu biganiro mu gisagara ca Arusha kubera umuhuza mu matati y’uBurundi yari yabatumiye nk’abakuru b’imigabwe kandi bashaka gutumirwa nk’urunani ruri hamwe.

Tubibutse ko uyu mubonano wanabonetsemwo umukuru w’umugabwe MSD  bwana Alex Sinduhije inyuma yo kuvugwa ko yari yankiwe gushika murico gihugu c’uBubirigi kumusi wa  kane igenekerezo rya 2 ruheshi 2016

Alex Sinduhije na Nyamoya kw'ifoto mu mubinano wariko urahuza abarongozi ba CNARED giriteka

Alex Sinduhije na Nyamoya kw’ifoto mu mubinano wariko urahuza abarongozi ba CNARED giriteka

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Muhira

Leave a Reply