Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umurwi(CNDI) w’igihugu ushinzwe gutegura ibiganiro bihuza abarundi hagati mugihugu watangaje ko ugiye gutanguza ibiganiro bihuza abarundi bose ndetse bikazoba bizobera mu Ntara zitandukanye z’uBundi.

Mugwandiko rwateweko umukono na Musenyeri Justin Nzoyisaba asanzwe ariwe arongoye  uwo murwi CNDI  kuruyu w’Imana itariki 17 nzero 2016,uyu murwi wamenyesheje kigiye gutangura kumugaragaro ibiganiro bigiye guhuza abasanzwe barabwa n’ibibazo vya Politike vy’uBurundi hamwe n;abo bose bafise ico boterera kugira amahoro n’umutekano bisubire kugaruka mu Burundi.

Nkuko vyabandanijwe bitangazwa murugwo rwandiko ,ibi biganiro bigiye gutangura ,bitegekanijwe icese ko bizotangura igenekerezo rya 19 nzero 2016 mu Ntara ya Kirundo,imwe mu ntara z’uBurundi zisanzwe ziherereye mu buraruko bw’igihugu.

Muriryo Tangazo ry’uwo murwi CNDI ,bitegekanijwe ko inyuma yo gutanguza ibi biganiro mu Ntara ya Kirundo ,ico gikorwa c’ibiganiro kizoca kibandaniriza mu Ntara ya Gitega kw’igenekerezo ya 21 nzero 2016,mugihe ibi biganiro nyene bizoca bibandaniriza mu zindi Ntara nka Rutana ,Kayanza,Bujumbura Mairie .

Umukuru w’umurwi CNDI akaba yasavye abarundi bose kwitaba ivyo biganiro bitegekanijwe kwama bitangura isaha zitatu z’igitondo.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply