Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

inyuma yaho ibihugu biri mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya bifatiye ibinaho vyo guhagarika burundu imfashanyo yose yahora igenewe uBurundi kubera hari vyinshi Reta y’uBurundi itasize mungiro ,ubumwe bwa Buraya bwasohoye iBintu bitanu vyotuma ibihano vyafatiwe reta y’iBujumbura bikurwaho.

Ibi bintu bitanu nyamukuru ni

1:Kwugurura amaradiyo yose y’igenga agasubira agasamirana hakabaho no gukaza umutekano w’abamenyesha makuru bizo Radio.

2:Gukuraho ibihano vyafatiwe amashirahamwe yigenga asanzwe adaharanira ibibanza vya Politike mu Burundi hamwe no gukuraho imitahe yarungikiwe abo barongoye ayo mashirahamwe.

3:Kurekura abapfunzwe bose bazira ukwiyamiriza ikiringo ca Gatatu ca Petero Nkurunziza.

4:Kugira amatohoza y’igenga kuvyagiye biraba bidakurikije amategeko y’ikiremwa muntu kuva iryane za Politike zatangura ,hamwe no guhana abakoze ubwicanyi ndengerabutungane.

5:Gutanguza ibiganiro bihuriyemwo bose atanumwe avuyemwo.

12798945_1236852576329154_2419572766242157108_n

…………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Muhira

Leave a Reply