Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umurwi nserukira gihugu w’intamba murugamba wabakinyi basanzwe bakinira mugihu c’uBurundi waraye usezeye ndetse unabura uburenganzira bwo kuzokwitaba inkibo za CHAN 2016 zizobera mugihugu kibanyi c’uRwanda.

Ugutsindwa kumurwi w’intamba murugamba bisa nivyatangaje abantu benshi cane kuko benshi bari bamaze gusa naho bemeza yuko uwo murwi wamaze kugeza ikirenge cawo munkibo za CHAN 2016 ,ivyo navyo bakaba babivuga bafatiye kukungene umurwi w’Intamba murugamba wari witwaye neza murukino rwari rwahuje iyo mirwi yose ngaha Ibujumbura kukibuga c’itiriwe umuganwa RUDOVIKO Rwagasore,kuko umurwi w’intamba wari washoboye gutsinda umurwi wa Ethiopia ibitsindo vyose 2 kubusa bw’umurwi wa Ethiopia.

Umurwi w’ntamba murugamba ukaba rero waraye usezerewe kubera watsinzwe ibitsindo bigera kuri 3 vyose ku busa.

Nkuko bibandanya bivugwa nabari bigereye ngaho kuraba urwo rukino rwariko rurahuza umurwi w’Intamba murugamba hamwe n’umurwi w’igihugu ca Ethiopia babivuga ,ngo kuruhande rw’umurwi w’intamba habonetseho amwe mumakosa ndetse ningorane zagiye zibonekeza ari navyo vyatumye umurwi w’Intamba ubura intsinzi bikanatuma ubura itike yo kuzitaba izo nkino za CHAN kizobera Ikigali.

Ibi nibimwe mubintu nyamukuru vyatumye umurwi w’Intamba murugamba utsindwa na Ethiopia

1:Umumenyereza mukuru  Ait abdelmalek hamwe na LAUDIT MAVUGO ari nawe yari yinjije ibitsindo vyose vy’Intamba murugamba kurukino rwabereye iBujumbura bose bari mubihano 

12177523_10205173063188146_582264491_o (1)

Umumenyereza Ait abdelmalek yahawe ikarata itukura kurukino rwabereye iBujumbura vyatumye ashigwa inyuma yikibuga ,ivyo bituma umurwi w’intamba murugamba ukina atamumenyereza mukuru ugira ,naho kurundi ruhande LAUDIT MAVUGO umusatirizi akomeye cane umurwi w’Intamba bisa naho wari witezeko vyinshi nawe yasizwe inyuma y’ikibuga kubera yarose amakarata abiri y’umuhondo munkino 2 zari zaherutse yakinye ,tukanabibutsa yuko iyakabiri yayihawe kubera gukura umupira wiwe  mugihe yariko anezeregwa kubera  yarahejeje gutsinda igitsindo ciwe ca 2 c’Umurwi w’intamaba murugamba .

2:kumunota wa 72 umunyegori w’intamba murugamba Arakaza Marc Arthur yavunitse ava mukibuga aca aza gusubirigwa namugenziwe .

12177536_10205173622642132_1137004056_o (1)

Kuva mukibuga kwa Arakaza Marc Arthur vyatumye umurwi w’Intamba murugamba ubura itike yo kuja muri Chan kuko muminta itarenga 8 gusa twaciye twinzizwa ibitsindo 2 vynatumye umurwi w’Intamba murugamba usezeregwa mwayo marushanwa. aha twobibutsa yuko Arakaza Marc Arthur yavuye muki mukibuga kumunota wa 72 ,atanumunota umwe uheze hagaca hinjira igitsindo ca 2 ,bidatevye nyene haheze iminota 5 haca hajayo ikindi ca 3 bituma intamba zibura amahigwe yose yo kuzitaba inkino za Chan 2016.

Ibi rero bikaba vyanashimangiwe cane na REVERIEN NDIKURIYO asanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muburundi ,ko ukuvunika  kwa Arakaza Marc Arthur vyatumye umurwi w’Intamba murugamba utsindwa ibitsindo 2 mumwanya muto cane.

12185787_10205172973865913_319287304_o 12177515_10205172980106069_789281034_o

Tubibutse kwabarundi basanzwe baba murico gihugu ca Ethiopia bari bagiye gushigikira umurwi w’Intamba murugamba

12180752_10205173345515204_1015153131_o12177391_10205173659483053_1976009841_o

Abakunzi bintamba                                              Reverien Ndikuriyo nawe yari yashitseyo

 


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply