Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ya ONU yariko irabera i New york ,umushikiranganji w’imigenderanire y’uBurundi n’ayandi makungu, Alain Aime Nyamitwe ,yari yaserukiye reta y’uBurundi muriyo nama ya ONU yiyamirije bimwe bikomeye icegeranyo c’abahinga ba ONU baheruka gusohora kugihugu c’uBurundi.

Alain Aime Nyamitwe ahanini yiyamirije ico cegeranyo ,amenyesha ko ivyo abahinga ba ONU bakoze ari amakosa adasnzwe kuko mu mategeko yo gukora ayo matohoza kizira gufatira kuvyemezo uronkeye kubuhinga ngurukana bumenyi nka  WhatsApp.

Alain Nyamitwe yongeye kwerekana uruhara rw’abanyamahanga bafise mu ryane zirigwa zibera mu Burundi ,ndetse yibutsa ko abakuru b’ibihugu uhereye kuri Rwagasore ,yarondeye ukwikukira k’uBurundi gushika kuri Ntaryamira bose bagiye baragandagurwa kubera abanyamahanga baba babifisemwo uruhara hamwe n’inyungu kandi akaba arinabo banafasha mwigandagurwa ryabo bakuru b’ibihugu.

Alain Nyamitwe yongeye kandi gukurira inkoni kugishitsi ,inama ijwejwe umutekano kw’isi kwatamusoda mpuzamakungu bazokwemera kwahonyoza ikirenge mu Burundi ,ndetse anashimangira kwatanihonyabwoko rizigera riba mu Burundi.

Umviriza Alain Aime Nyamitwe mu majwi aho yariko arashikiriza ijambo ryiwe mu Nama Mpuzamakungu ONU.

.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

2 Responses so far.

  1. Shija says:

    You are next president of Burundi Willy nyamitwe

Leave a Reply