Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

umushingamateka Hussein Radjabu yahoze ari kizigenza w’umugabwe  CNDD FDD kuva mu mwaka wa 2005 gushika mu mwaka wa 2007 yiyamirije ikoraniro kaminuza umugabwe CNDD FDD wateguriye mu ntara ya Ngozi aho bivugwa ko bagiye gutora uwundi mutegetsi mushasha aramutswa uwo mugabwe.

Hussein Radjabu akaba yamenyesheje ko ibiza kuva muriyo nama vyose vyamaze gutegeurwa kwabazoba bagiyeyo bazoba bagiye gukoma amashi gusa ndetse ko ingingo z’umugabwe zose zifatwa na Petero Nkurunziza.

Hussein Radjabu akaba yabandanije anamenyesha ko kuva mu mwaka wa 2007 ,Pierre Nkurunziza ariwe asanzwe arongoye unugabwe CNDD FDD ,ngo kuko ariwe asanzwe afata ingingo zose zo hejuru.

Kubw’umushingamateka Hussein Radjabu wewe asanga ngo iki kibanza c’umukuru w’umugabwe kiriko kiraronderwa ahanini na Petero Nkurunziza kugira abe umukuru w’igihugu hamwe n’umukuru w’umugabwe.

Umviriza Hussein Radjabu mu majwi

Tubibutse ko Hussein Radjabu nubu acemeza kwariwe agitwara umugabwe CNDD FDD vyemewe n’amategeko naho atari kubutaka bw’uBurundi.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply