Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Uwahoze arumukuru w’umugabwe CNDD FDD  gushika mu mwaka wa 2007 akaza no gupfungwa imyaka gera kuri 7 kubera kwagirizwa ugushaka gutembagaza uButegetsi bw’umugabwe yakomokamwo ,yongeye kumenyesha akangonongono afise kukibazo c’uRwanda hamwe n’uBurundi ,mugihe abategetsi bu Burundi bamaze igihe bagiriza igihugu c’uRwanda kuba inyuma y’abahungabanya umutekano mu Burundi.

Atangaza icinyegeje inyuma yo kwagiriza urwanda guhungabanya umutekano mu Burundi ,Umushingamateka Hussein Radjabu yamenyesheje ko muvyukuri ikibazo z’aBurundi aricabarundi ubwabo ndetse ko hatari hakwiye kujamwo ibindi bibazo vy’ikindi gihugu kuko ingorane zivugwa mu Burundi zihagaze ku bw’icanyi bukorwa n’umugabwe uri kubutegetsi .

Mumajambo y’Umushingamateka Hussein Radjabu yagize ati”

1. URWANDA N’ABANYARWANDA BABWO , UBURUNDI N’ABARUNDI BABWO HAMWE N’UMWICANYI WABO.Aha Petero Nkurunziza yarondeye gusamaza abarundi n’amakungu kugira bunve ko ingorane zivugwa mu Burundi zidahagaze ku bwicanyi bukogwa n’akagwi kiwe gatamika abarundi ikringo ca 3 ku nguvu.Ngo zihagaze ku mubano mubi Hagati y’uburundi n’urwanda.
IVYO ABARUNDI TURAVYANSE ,KUDUSAMAZA NTIBIZOMUSHOBOKERA.IVYO BIBAZO VY’AMATATI VYIGWA MU NZEGO MPUZAMAKUNGU ZIJEJWE AMATATI.


2. Mu gisagara ca Bujumbura muragaba! Mu karwi ka Petero Nkunzinza hari abagira ibbitero hateguwe gufatwa inzirakarengane yo mu micungararo batereye mwo amagerenade


3.Ibiganiro ! Nta Petero Nkurunziza ashobora kuzana amahoro canke ngo afadikanye n’abandi kuyarondera.

Ibi akaba abimenyesheje inyuma yaho bamwe mu basore bahora bahungabanya amahoro n’umutekano bishikanye kunzego z’igipolisi ndetse bakemeza ko mubakuru babo harimwo Umushingamateka Hussein Radjabu hamwe n’umukuru w’umugabwe MSD bwana Alex Sinduhije ,kandi ko ibikoresho vyinshi bakoresha biva mugihugu kibanyi c’uRwanda.

Umushingamateka Hussein Radjabu kw'ifoto

Umushingamateka Hussein Radjabu kw’ifoto

Tubibutse ko, Umushingamateka Hussein Radjabu ari mubantu baronderwa n’uButungane bw’uBurundi inyuma yo gutoroka ibohero yaramazemwo imyaka indwi mu mwaka uheze mu kwezi kwa ndamukiza.

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply