Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Hussein Radjabu ,yahoze ari umushingamateka w’umugabwe  CNDD FDD kuva mumwaka wa 2005 gushika mumwaka wa 2007,akongera akaba n’umukuru w’uwo mugabwe igihe kitari gito ,yihutiye kugira icavuze kuvyerekeye itangazo umugabwe CNDD FDD wasohoye unebagura ahanini igihugu c’uBubirigi.

Mumajambo Hussein Radjabu yashikirije abaicishije kurubuga rw’iwe ngurukana bumenyi ,Hussein Radjabu nawe yanebaguye cane amajambo yashikirijwe n’umugabwe CNDD FDD , ndetse anemeza ko ivyakozwe ari akamaramaza ,yongera avuga ko ivyakozwe ari ubutumwa bwa  Petero Nkurunziza yacishije kubo asanzwe akoresha.

Ubutumwa bwa Hussein Radjabu bwagira buti ” BARUNDI MWESE NAMWE BAGUMYABANGA (BABA ABIYEMEJE KWUBAHIRIZA AMATEGEKO BABA ABEMEYE KUBA ABAJA)NTIMUTANGAZWE N’AKA KAMARAMAZA KA PETERO NKURUNZIZA,BITEWE NUKO ATIGERA AVUGIRA MU BAGABO,AMATESHWA YIWE AYATAMIKA ABAJA BIWE MAZE AGACA AJA KWINYEGEZA MU MIPIRA”

ra

Tubibutse ko Hussein Radjabu yari yatawe mumunyororo mumwaka wa 2007 yagarizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu ,akaza no gucirwa igipfungo c’imyaka 13 ariko akaza gutoroka mw’ibohero rikuru ya Mpimba mukwezi kwa Ndamukiza muruyu mwaka wa 2015 turimwo.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

One Response so far.

  1. ndikumana says:

    none ga yemwe aba biligi nibo bazanye 3eme mandat?

Leave a Reply