Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

HUSSEIN Rajab  n’ubu acemeza kwariwe akirongoye umugabwe CNDD FDD akaba n’umwe muri 3 bavuga rikijana mu myaka ya 2005 gushika muri 2007 mu Burundi yongeye kumenyesha kwatamurwi witwaje ibigwanisho asanzwe arimwo nkuko abenshi bakunze kubimwagiriza canke bakavuga ko yoba ari mu murwi mushasha uheruka kuvuka wa FOREBU.

Mukiganiro yagiranye n’ikinyamakuru Info Grandlacs ,HUSSEIN Rajab yongeye kugaruka kubihe bigoye igihugu kirimwo kuva aho Nkurunziza Petero amenyeshereje kwagiye kwitoza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu .HUSSEIN Rajab yabandanije amenyesha ko uguhonyanga ibwirizwa nshingiro hamwe n’amasezerano ya Arusha arivyo biriko biratuma uBurundi burangwamwo umutekano muke kandi ivyo atawundi yobibazwa atari Petero Nkurunziza kuko ariwe yatumye biba vyose muriki gihe bishika.

Abazwa n’umumenyesha makuru wa Info Grandlacs kwatoba ari mu murwi wa FOREBU,HUSSEIN Rajab yamenyesheje kwatari muruwo murwi wa Forebu ariko kwafise ubucuti bwahafi hamwe n’abamwe mubasirikare bari muruwo murwi wa FOREBU.

Naho yatangaje kwatari muruwo murwi usanzwe urwanya Reta ya Petero Nkurunziza ,HUSSEIN Rajab yamenyesheje ko awushigikiye cane kuko wihaye intumbero yo kugwanira amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro vy’uBurundi,kandi ngo nawe akaba asanga urugamba arimwo atarundi arugwo guharanira ibwirizwa nshingiro hamwe n’amasezerano ya Arusha.

Umviriza mu majwi bwana HUSSEIN Rajab ngaho musi (amajwi tuyakesha ikinyamakuru infosgrandslacs.info)

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

2 Responses so far.

  1. It is ok. You are trying to inform us. Keep up.

Leave a Reply