Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Hussein Radjabu yahoze ari kizigenza wa CNDD FDD kuva mu mwaka wa 2005 gushika mu mwaka wa 2007 ariko akaza gutabwa mu munyororo kubera ukwagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu ,yongeye kugaruka kumvo nyamukuru yatumye amenyesha ko avuye murunani CNARED ruheruka guhabwa umurongozi mushasha ariwe muganga Jean Minani.

Kubw’umushingamateka Hussein Radjabu yamenyesheje ko ibintu nyamukuru vyatumye akinjura murunani CNARED ari ubube gito bwabasigaye barongoye urwo runani na cane cane basa nabihaye ingendo yo guhenda abanyagihugu

Hussein Radjabu yanageze kure anamenyesha ko  ko ikurwa ry’umushingantahe Leonardo Nyangoma riri muri kimwe muvyatumye afata ingingo yo kuva muri CNARED  kuko ngo ivyakozwe n’umurwi wakuye Leonard Nyangoma bisa nivyakorewe mu gifuri.

Umviriza mu majwi umushingamateka Hussein Radjabu

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply