Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’igitero caraye kibereye iBujumbura kuruyu musi wakane igenekerezo rya 10 kigarama ,uwahoze ari soma mbike wa Petero Nkurunziza akongera akaba n’umwe mubari bakomeye cane mumugabwe uri kubutegetsi CNDD FDD yagize ico ashikiriza abarundi n’amakungu.

Mwijambo ryiwe bwana Hussein Radjabu yagize ati:

BARUNDI NAMWE NCUTI Z’UBURUNDI TABARANYA .PETERO NKURUNZIZA YASAZE KERA NTIMWABIMENYA.

Uyu musi mu gisagara ca Bujumbura ubuzi bwahagaze ahatari hake haba muri Leta canke mu bikorera utwabo .
Inkuru y’invaho dukura muri benshi twagendanye mu rugamba rwa FDD n’abo twapfundikanye amasezerano yo guhagarika intambara tukayashira mu ngiro dufatanye mu nda n’uko ubu bamaze kubona ko PETERO NKURUNZIZA 《 MU MUTWE WIWE IBINTU BIBANDANYA BIYANGANGARA 》.Umusazi arasara agasarana ijambo ! Nivyo SOKURU yaravyemanze. Ariko n’uko atatomoye yuko nya musazi ashobora no gusarana ijambo ribi rituma kwica no gusambura nk’uko tubibona ubu kuwiyita umukuru w’IGIHUGU C’UBURUNDI.

IRYO IJAMBO RIBI , UMURUNDI WESE AKUNDA UBURUNDI N’UKURIGWANYA UKU:
1.PETERO NKURUNZIZA mu tunywababo twiwe akunda kwinyegeza mwo canke ivyo acisha mu minwa y’injavyi akunda gukoresha ,niyakubwira kwica uwo mudasangiye ubwoko canke inzira ya politike wiyankire .
2. Wiyankire ko abandanya asambura igisoda n’izindi nzego z’umutekano twahawe na ARUSHA biciye mw’ishaka ry’abarundi n’incuti zabo zo mu mpande zine z’isi.
3.Wiyankire ko arementanyiriza mugenzi wawe ukuri kuzwi.
4.Wiyankire ko aguha iyindi shusho y’Uburundi itandukanye n’uru rwimo we nyene PETERO yateye kubera umwina w’amaronko.
5. ….ibindi uzokwiyankira nawe usanzwe ubizi .Akaryo kabonetse tuzoguma tuvyibukanya.
NAYO ABASIRIKARE BOMOWE MURI MISI Y’URWIMO TUBASAVYE KWIHANGANA NO KUBUNGABUNGA NEZA IBIKORESHO VY’IGIHUGU BOMORANYWE KUGEZA AHO HAZOBA UMWUKA MWIZA UZOTUMA BAGARUKANA NAVYO MW’ITEKA.
KU BARUNDI NABO NTIBA ICIZERE .AYA MAZINA TWUNVA YA KAGUTA MUSEVENI , YAYI BONI N’ABANDI AVUGWA NKUMBURE AZOVA MWO IBITABARA UBURUNDI.
VYANSE ABARUNDI BAZOKWIBAKO NTA KUNDI. BARI KUMWE N’IMANA YABO ATARI IMWE YA PETERO NKURUNZIZA NTIBAZOMARAMARA.

Umviriza Husein Radjabu mumajwi ngaha musi.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply