Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yaho habandanijwe havugwa yuko ,umuhuza mukibazo c’uburundi yoba ashaka gushikiriza abakuru b’ibihugu vy’ubumwe bwa Africa y’ubuseruko icegeranyo cozana reta irimwo bose mu Burundi kugira barabe ko iryane zimaze igihe mu Burundi zohera ,bwana Hussein Radjabu wewe yatanguye gushira ahabona bimwe mubizo biri muriyo reta.

Nkuko amakuru ava kwa Hussein Radjabu avyemeza ,Hussein Radjabu yamenyesheje ko muriyi reta ya bose bashaka gushinga ,reta ya Petero Nkurunziza kwishaka guha ubushikiranganji bune(4)abasanzwe batavuga rumwe nabo ndetse ubwo bushikiranganji bukazohabwa imigabwe izotorwa mu migabwe 6 izoba iri muriyo reta ya bose.

Naho Hussein Radjabu yashikirije ibi ntanakimwe cemeza neza aya makuru haba kuruhande rw’uwusanzwe ajejwe kwumvikanisha abarundi canke kuruhande rwa Reta ntanumwe aragira ico atangaje kuvyerekeye abazoja muriyo reta ya bose ishaka gshingwa.

Hussein Radjabu akaba yabandanije amenyesha ko wewe na bagenziwe batazorota bashigikiye iyo reta ya bose ndetse ko batonayijamwo ahubwo aca atunga agatoke imwimwe mumigabwe inugwanugwa kwishobora kuja muriyo reta.

Mu migabwe Hussein Radjabu yatunze urutoke ko ishaka kuja muruyo reta y’ubumwe ,harimwo FNL,FROLINA na FRODEBU NYAKURI akaba riyo yamenyesheje kwariyo iri imbere murico gikorwa gusumba iyindi.

Ibi Hussein Radjabu akaba abivuze inyuma yaho bagenziwe bo murunani CNARED Giriteka ,nabo nyene batangarije ko batarota baja muri reta irimwo bose ndetse bobo bakaba banamenyesheje ko badashobora kuja muri reta irimwo Petero Nkurunziza.

Hussein Radjabu akaba yabandanije amenyesha ko urugamba rwabo rubandanya rwo kugarukana amahoro n’umutekano mu Burundi ndetse ko hamwe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yoguma yanka biganiro bishobora kumukomerana mu misi iri imbere.

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Leave a Reply