Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Imisi ibiri irarumanye neza umuririmvyi rurangiranwa mugihugu c’uBurundi ndetse no muri East Africa  ariwe Mugani Desire atawe muri yompi n’igipolice c’igihugu  c’uRwanda azira ko yoba yariko araha inzoga umwana w’umukobwa afise imyaka 15 gusa yamavuko.

Inyuma yo gutabwa muri yompi Big Fizzo yaciye apfungirwa kubiro vya Police biri Iremere mugisagara ca Kigali ,ubu ukaa ubaye umusi ugira kabiri ari mumunyororo .

Big Fizzo akimara gutamwa mumunyororo amajambo yabaye menshi ,bamwe batangura gukwiragiza inkuru zibihuha ,ibimenyesha makuru vyinshi vyandika ivyerekeye iryo tabwa mumunyororo rya Big Fizzo ,ariko uko umwanya ugenda uhera abantu niko babandanya babona neza yuko Big Fizzo yarenganijwe .

Inyuma yo kugira amatohoza yo mumizi twasanze hari  ibimenyetso vyinshi cane vyerekana ko Big Fizzo yarenganijwe 

1:Imyaka yahawe uwo mwigeme yerekana neza kwari irementanya bashatse kugirira Big fizzo

Muvyukuri umuntu agerageje kurabisha amaso  usanga uwo bise kwari mumwigeme w’imyaka 15 yamavuko asa naho ayirenza kuko uravye n’ifoto yiwe nuko asa mumaso ubona arumwana yoba arenza imyaka 18.

12063445_479101955594812_8642703914294409404_nAitPhzEMrFKI0lsTPqL0gM_b9u3aWD5uPPBK_TlTYXjx

2:Uyu mukobwa subwambere yoba yariko aranwa inzoga canke itabi kuko uravye amafoto y’iwe asa naho arivyo yiyamiramwo hamwe nabaririmvyi bo murwanda

Uravye amafoto yaciye ashigwa hanze inyuma yitabwa muri yompa rya Big Fizzo ,abantu benshi berekanye ko uwo mwigeme avugwa ko yoba yariko ahabwa itabi canke inzoga ,atari ubwambere yarakoze ivyo ahubwo vyaribintu yarasanzwe yiyamiramwo vya misi yose ,kuko yabonetse arikumwe nabaririmvyi babanyarwanda bariko banwa ibitabi ,kandi bikaba vyanavuzwe cane ko yakunda kugirana ibihe vyiza nabo baririmvyi nyarwanda.

bishasha .com :Big fizzo yarenganijwe

Kw’ifoto hejuru uwo mukobwa aboneka arikumwe nabamwe mubaririmvyi bo murwanda ndetse bariko baranwa itabi.

3:Mbega ninde yoba yasavye ko Big fizzo afatwa  agapfungwa?Boba arabavyeyi buwo mukobwa basavye ko Big Fizzo afatwa kuko yoba ariko arikumwe n’umwana wabo?

Mubimaze kuvurwa vyose ntahantu nahamwe hamaze kuvurwa uruhare rw’abavyeyi buyu mukobwa mwifatwa rya Big Fizzo bishoboke ko n’ifatwa rya Big Fizzo nabo boba batari barizi.

Ibi bikiyongera kuvyo umuvugizi w’igipolice w’igisagara ca kigali bwana Mbabazi   yavuze  yemeza ko Big Fizzo atoba yafashwe ariko aha inzoga uwo mwigeme ahubwo ngo ko bikiri mumatohoza,kandi bwana Mbabazi avugira igipolice c’urwanda ntanahamwe yigeze avuga kwabavyeyi buyu mukobwa boba ariko babifisemwo uruhara,ahubwo yavuze ko umukobwa ari muhira iwabo gusa .

Muvyukuri Big fizzo yoba ariko arazira urya mwana w’umukobwa kubera afise imyaka 15?

Big Fizzo yabaye umuririmvyi umwe  rudende yemanze ko yari incuti idasanzwe ya Lt Gen Adolphe Nshimirimana ndetse aza nokwandika amajambo kurukuta rw’iwe rwa Facebook ashimangira ko Lt Gen Adolphe Nshimirimana yari nka mwenewabo .

Ibi rero ntivyanezereye abantu na gato kuko  inyuma yamasaha make uwo muririmvyi Big Fizzo yaciye afuta ayo majambo yari yasize kurukuta rw’iwe rwa Facebook.

Kuva ico gihe ,Big Fizzo yaciye afatwa nkumwe muboba begereye ubutegetsi bw’iBujumbura ndetse anafatwa nkumwe mu boba bashigikiye umugabwe CNN FDD.

Ariko kurundi ruhande Big Fizzo ntiyavyemera kuko wewe yivugira ko atorota ajana umutwe wiwe muvya Politike ariko ko gufata Lt Gen Adolphe Nshimirimana nkumuvukanyi atakibazo yabibonamwo kuko ngo yamufashijije cane kugira umuziki wiwe utere imbere.

Aha twobibutsa yuko Big Fizzo yanakunda gukora ibiteramo mugisagara ca Bujumbura yambaye impuzi za Gisirikare ,izo nazo ngo akaba yazihabwa na Lt Gen Adolphe Nshimirimana.

big fizzo

Ayo akaba ariyo majambo Big Fizzo yavuze kuri Lt Gen Adolphe Nshimirimana (ivyo bikaba vyanditswe nakimwe mubinyakuru vyo ngaha mu Burundi mukwezi kw’umunani.

Inyuma yivyo vyose vyavuzwe hejuru bica vyibonekeza neza ko Big Fizzo atapfunzwe kubera uwo mwana w’umukobwa ariko ibi bikurikira biri inyuma y’itabwa muri yompi rya Big Fizzo.

>>>Big Fizzo rero ashobora kuba apfunzwe azira  amajambo yanditse kuri Lt Gen Adolphe Nshimirimana akimara kugandagurwa kuko bica bimushira mumurwi  wabashigikiye ubutegetsi bwa Nkurunziza burabana ayingwe nubutegetsi bwa Kagame

>>>Big Fizzo ashobora kuba yafashwe yikekwa ko yoba ari umudoriya yoba yarungitswe n’ubutegetsi bwa Nkurunziza mugihugu c’uRwanda .

 

 

 

 


Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki, Urukundo

Leave a Reply