Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yurupfu rwa Colonel Buzubona Emmanuel ,yishwe arasiwe imbere y’umuhana iwiwe  mugihe yaratashe muri zone kinama mugice ca Bukirasazi ,abasanzwe bari kubutegetsi babandanya baterana amajambo nabasanzwe babagwanya bitana ba mwana ndetse bamwe bagiriza abandi kwaribo bishe Colonel Buzubona Emmanuel.

Naho abasanzwe bari muri CNDD FDD babandanya bagiriza abasanzwe bari mu mirwi igwanya reta kwaribo bivuganye Colonel Buzubona Emmanuel ,kurundi ruhande rworwo ,Hussein Radjabu siko abibona ahubwo asanga Colonel Buzubona Emmanuel yagandaguwe nabari kubitegetsi.

Kubwa Hussein Radjabu yohoze arongoye umugabwe uri kubutegetsi CNDD FDD kuva mu mwaka wa 2005 gushika 2007 ,wewe yagiriza urupfu rwa Colonel Buzubona Emmanuel abasanzwe bari kubutegetsi hamwe nabasanzwe begereye ubutegetsi bwa CNDD FDD.

Hussein Radjabu akaba yabandanije amenyesha ko Colonel Buzubona Emmanuel yoba yagandaguwe kubera ugukorana na General Gode Froid Niyombare hamwe nabandi bagwanije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Umviriza amajwi ya Hussein Radjabu ngaho musi

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply