Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe abahinga muvy’indege bari bamaze imyaka n’imyaka bariko bararondera ingene boza barakingira ubuzima bwabantu bahitanwa n’isanganya z’indege zikunda kubera hirya no hino kw’isi ,abahinga bo mugihugu ca Ukraine basa nabamaze gutora inyishu yicari kimaze imyaka irenga amajana abiri (200)caraburiwe inyishu

“Kuva mundege ugikomeye mugihe igize isanganya bigiye kuba ukuri naho bamwe bahora babifata nk’indoto”Aya namwe mumajambo yashikirijwe na Vladimir Tatarenko umwe mubahinga muvyerekeye indege bo mugihugu ca Ukraine(Ukrainian aviation engineer).

Vladimir Tatarenko n’umwe mubahinga bakora mw’ishirahamwe ANTONOV rihingura indege , yaramaze igihe kirenga imyaka 10 ahigisha gusa ukungene yoshobora gukora indege ifise ubushobozi bwo gukiza abazoba bayirimwo mugihe yoba igize isanganya,na cane cane ko buri mwaka amasanganya y’indege yama atwara abantu barenga amajana atanu(1000)

Vladimir Tatarenko rwamaze gukora ubushakashatsi bwiwe agasanga indege zikoroka kenshi 80 % biba bivuye kubantu ubwabo nyene haba abayirimwo canke abashatse kuzimanganya ubuzima bwabantu,Vladimir Tatarenko yahisemwo iciyumviro cogukora indege izoba ifise ikintu kimeze nk’inzu( container) ,bashobora gucomoka umwanya wose bashakiye.

Mugihe izoba igize isanganya igipande kizoba kirimwo abantu kizoca cisokora

Mugihe izoba igize isanganya igipande kizoba kirimwo abantu kizoca cisokora

Inyuma yivyo  Vladimir Tatarenko yaciye akorana n’abagenziwe bakora mu gishushanyo (design )ukwo iyo ndege izoba imeze nukungene izoba ikora muri rusangi.

Nkuko Vladimir Tatarenko yabishikirije ikigo ca Ukrainian E-Zine AIN.UA,kijejwe ivyindege muri Ukraine yamenyesheje ko iyi ndege izoba ifise ubushobozi bwo gukingira abantu haba mugihe igiriye isanganya kw’isi canke mu mazi.

Igipande kizoba cavuye kwiyo ndege kizoba gifise imitaka izotuma gishika hasi ata nkomanzi,iki gipande kizoba gishobora kurwa kw'isi canke k'umazi atakibazo nakimwe

Igipande kizoba cavuye kwiyo ndege kizoba gifise imitaka izotuma gishika hasi ata nkomanzi,iki gipande kizoba gishobora kurwa kw’isi canke k’umazi atakibazo nakimwe

Yanditse na :Bishasha.com


Leave a Reply