Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abazungu babandanya berekana ko ari ibihangange mu bwenge kw’isi mugukora ibintu bisa naho bisiga ubwenge ,ndetse bagakora n’ikintu abantu benshi baba batamenyereye kubona.

Mugihugu c’Ubwongereza hakozwe imodoka izwa nka python iyi nayo ikaba ifise ububasha bwo kugendera hejuru kumazi haba mukiyaga kinini  canke muruzi rusanzwe rutemba ,iyi modoka ifise kandi ubushobozi bwo kugendera no kumucanga wo mubugaragwa hamwe no mw’ibarabara risanzwe.

Iyi Modoka iriko iragendera kumazi

Iyi Modoka iriko iragendera kumazi

Iyi Modoka yo mu bwoko bwa Python yatanguwe gukorwa n’abahinga bo mugihugu c’ubwongereza mu mwaka wa 2010 ariko ikaba yatanguye gukoreshwa mu mwaka wa 2015.

Nkuko abahinga bakoze iyi modoka bavyemeza ,bemeza ko iyi modoka ishobora kugenda ibirometero bigera kuri 46 kw’isaha (46km/hr)mugihe iriko iragendera hejuru kumazi mugihe ishobora kugira ibishika 80 mugihe iriko iragendera mw’ibarabara risanzwe hamwe na 30 kw’isaha mugihe iriko iragendera mu mucanga.

Iyi modoka igishirwa kw’isoko ,yari kugiciro kinini kuko yashobora gukoreshwa ahantu hatatu hatandukanye ,ariko naho yari kugiciro kinini ntivyabujije abari bayirindiranye igishika kuyigura kubwishi kuko yari imwe mumodoka ziri mu ndoto zabo.

Iyi Modoka iriko iragendera mu mucanga

Iyi Modoka iriko iragendera mu mucanga

Uwatanguye kugura iyi modoka kuncuro yambere akaba yayiguze amahera angana na $155.000 aya akaba angana na 250.000.000 fbu mumahera y’amarundi.

 

.


Leave a Reply