Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Reta y’Uburundi  yatanguye kwiga kwitegeko rishiraho umurwi udasanzwe kugira uhindure ibwirizwa shingiro  rya Repuburika y’Uburundi.

Ibi vyamenyekanishirijwe mu nama  nshikiranganji yo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 16 Munyonyo 2016, ku rutonde rw’ivyitegerezwa kwigwa muri iyo nama, ubwa mbere haza ishirwaho ry’umurwi ujejwe kwiga ibijanye n’ingingo zo mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi zohindurwa. Integuro y’ishirwaho ry’uwo murwi ikaba yashikirjwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu bwana   Pascal BARANDAGIYE.

Izi akaba arizo ngingo zategerezwa kwigwa muriyo nama nshikiranganji

Izi akaba arizo ngingo zategerezwa kwigwa muriyo nama nshikiranganji

Ibi rero bikaba vyateye ubwoba abatari bake ndetse benshi bakaba baciye batangura kwibaza kohoba hagiye gukurwaho ivyerekeye n’ibiringo umukuru w’igihugu atwara hamwe no gukuraho amasezerano ya Arusha.

Tubibutse ko atari ubwambere reta y’uBurundi yoba ishatse guhindura ibwirizwa shingiro ,kuko mu mwaka wa 2014 kw’igenekerezo rya 21 ntwarante ,reta yashatse guhindura ibwirizwa shingiro ibicishije mu nama nshinga mateka ariko ibura ijwi rimwe gusa ,bica bituma ivyo guhindura ibwirizwa shingiro bidakunda.

Fyonda ngaha ubandanye ukurikira amakuru yacu uciye kuri Facebook.


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Leave a Reply