Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Guhigana bihongo hamwe no kurabana ayingwe mugisirikare c’uBurundi birabandanya hagati y’intwazangaho cane cane abahoze mugisirikare ca kera FAB hamwe nabahoze mugisirikare caje kiva mw’ishamba PMPA.

Mugihe atamisi iheze harashwe umusirikare wo kw’ipeta ryo kugwego rwo hejuru kw’ipeta rya Colonel akarasigwa imbere y’inzu yiwe mugihe yaratahutse mu masaha y’umugoroba ndetse agaca acikana kuruyu wa mungu igenekerezo rya 24 ndamukiza 2016 uwundi musirikare wo kugwego rwa Colonel yacucagiweko amasasu aho abamuteye bamusanze muhira iwiwe aho asanzwe aba muburaruko bw’igisagara ca Bujumbura mu gice ca gatunguru.

abateye urugo rwa Col Donatien Ndabigeze bari abantu bitwaje ibigwanisho banambaye n’impuzu za gisirikare ,aba bakozi ba nabi bakaba batanye  mu mitwe nabasanzwe bacungera uyu musirikare umwanya atari muto ,aho abari bahegereye bemeza ko ukurasana kwarengeje iminota  10 ,aba bateye babonye bibakomeranye bahisemwo guhunga ariko muguhunga kwabo  basiga bateye Grenade mu cumba caho umukenyezi wa  Col Donatien Ndabigeze yarara ica iramuhitana ndetse ica inica n’umushitsi yari yagendeye uwo muryango (famille)

Amakuru abandanya ava ngaho yemeza ko Col Donatien Ndabigeze nawe yakomeretse cane kukuguru ariko ngo akaba yaciye anyarukanwa kwa muganga.

Tubibutse ko Col Donatien Ndabigeze arumwe mubasirikare binjiye mugisoda kirimwo bose FDN avuye mugisirikare caje kiva mw’ishamba PMPA cakukira umugabwe CNDD FDD .

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

One Response so far.

  1. Ndahiriwr says:

    Birababaje pe. P. Nk iyi systeme ya cibles identifies niwowe wayigishije cndd none bikugezeho. Ambara uhangane cg uceko

Leave a Reply