Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Florine Mukeshimana ,umwe mubamenyesha makuru yahoze akora kw’iradiyo ijwi ry’abanyagihugu ahejeje gusimba urupfu mugihe yaratewe igrenade aho yari  mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura aho benshi bita kuri Gare du Nord.

Nkuko vyiganwa na Florine Mukeshimana ,iyi grenade yatewe mugituro c’imodoka za Otraca kandi nawe nyene akaba ariyo yarari ,Florine Mukeshimana yabandanije amenyesha ko abari bari kumwe namwe mu modoka bakomerekejwe n’iyo Grenade ,ndetse ubu bakaba bariko baravurigwa mu bitaro vyaho hafi.

Ibi vyagira bishikire Florine Mukeshimana vyemejwe nawe nyene ubwiwe abishije kurubuga rwiwe rwa Facebook aho yagira ngo:

1

Tubibutse ko Florine Mukeshimana yavuye mu bakozi ba RPA ubu akaba asanzwe abarizwa mu  Nama nshinga mateka y’uBurundi aho ariyo asigaye afise imirimo yiwe ya misi yose.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply