Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Gnl Aloys NZABAMPEMA  arongoye umugwi w’abarwanyi ba FNL basanzwe bafashe ibigwanisho kugira barwanye Reta ya Nkurunziza ,yatangaje kumugaragaro ico umuhari wiwe wa gisirikare ugiye gukorera umusirikare w’uBurundi yafatiwe mw’ishamba c’imeza rya Rukoko mugihe abasirikare bariko arakizura murayo mashamba.

Iyi nkuru yamenyekanye mu masaha y’umugoroba yo kumusi wa gatatu igenekerezo rya 23 ntwarante 2016    ari naho uyu musirikare w’ipeta rya Lieutenant yatangugwa kwerekana ahantu henshi na cane cane biciye kubuhinga ngurukana bumenyi nka Facebook hamwe na Twitter .

Ibi bikimenyekana , igisirikare c’uburundi cemeza aya makuru ko umusirikare wabo yafashwe mpiri ,gusa mu gisirikare c’uBurundi ntibemeje  nagato ko hoba harabayeho ugutana mu mitwe hagati y’abasirikare ba Reta hamwe n’abagwanyi ba Gnl Aloys NZABAMPEMA,ahubwo bemeje ko uyu musirikare wabo w’ipeta rya Lieutenant  yafashwe mugihe yariko aratembera wenyene mu mashamba c’imeza ya Rukoko.

Kuruhande rwo rwabarwanyi ba FNL hamwe na kizigenza wabo  Gnl Aloys NZABAMPEMA bamenyesheje ko bafashe mpiri umusirikare w’ipeta ryo hejuru mugisirikare c’uBurundi ndetse ko yafashwe mugihe abasirikare b’umurwi wa FNL bariko barakinzura mu mashamba c’imeza ya Rukoko bakaza guhura n’abasirikare b’uBurundi ari naho baca batangura gutana mu mitwe hakagwa babiri kuruhande rw’abasirikare ba Reta hakaza gufatwa n’umwe mpiri w’ipeta rya Lieutenant  ndetse aza no gufatanwa n’inkoho yarafise.

 Gnl Aloys NZABAMPEMA umukuru w'umurwi wabarwanyi ba FNL

Gnl Aloys NZABAMPEMA umukuru w’umurwi wabarwanyi ba FNL

Gnl Aloys NZAMBAPEMA yamenyesha ko uyu musirikare  yamaze kugirwa imbohe y’intambara ndetse amenyesha ko uyu musirikare w’ipete rya Lieutenant kwashobora guhabwa igisirikare c’uBurundi(FDN) mugihe reta y’uBurundi nayo yokwemera kubarekurira abasirikare babo bapfungiwe mu busho butandukanye bw’igihugu .

Gnl Aloys NZABAMPEMAyabandanije amenyesha ko mugihe reta yokwanka ko haba uguhana abanyororo hagati ya FNL ya Gnl  Aloys NZABAMPEMA hamwe na Reta ko bazohitamwo kwivuganira n’umuryango wuyu musirikare kugira bamusubize umuryango wiwe.

Gnl Aloys NZABAMPEMA  akaba yahumurije reta y’uBurundi hamwe n’umuryango wuyu musirikare kwabatazigera bagandagura uyu musirikare na gato canke ngo bamukorere ayandi mabi kuko basanzwe bakurikiza amategeko mpuzamakungu y’intambara.

Tubibutse ko uyu yafashwe kwari Lieutenant Alexis Irambona asanzwe afise numero(matricule) mugisoda c’uBurndi  SS1889 akaba yarasanzwe akorera  muri bataillon ya 412,  Lieutenant Alexis Irambona asanzwe ari imvukira y’intara ya Makamba, muri komine Vugizo.

Umviriza musi mu majwi  Gnl Aloys NZABAMPEMA

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Muhira

One Response so far.

  1. Fofo says:

    Muvy’ukuri hari umusirikare wa FDN w’ipete rya Lieutenant wazimiriye mw’Ishamba Cimeza rya RUKOKO ariko nta ngwano nantonya yigeze ihabera. Hoba ingwano vya binyamakuru vy’abazungu ntivyirigwe birayidandaza? Icotwikeka n’uko uwo musirikare ashobora kuba ari complice kuko ntivyumvikana ingene umu officier yidevereza mw’ishamba rya Rukoko ari wenyene ata musirikare n’umwe bari kumwe kandi azi neza ko muri rirya shama kakunda kwinyegezayo imigwi y’inkozi z’ibibi n’abasuma. Nimureke guhendwa! Nzabampema yahindutse HollyWood canke NollyWood kuko mbona umwuga wo gukina cinema azohava awushobora!

Leave a Reply