Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Muri zone yagihosha imwe mumakomine asanzwa ari muburaruko bw’igisagara ca Bujumbura ,umunyagihugu asanzwe aba muriyo zone nyene yafatanwe ibirwanisho bicira umuriro.

Nkuko bivurwa na bwana Pierre Nkurikiye asanzwe avugira igipolice c’uBurundi mwakino gihe yamenyesheje ko mumasaha y’umugoroba ya  sambiri zijoro (20h),umunyagihugu wo muri zone Gihosha azwi kw’izina rya Nyandwi Leonidas  yafatanwe ibirwanisho bicira umuriro.

Nkuko Nkurikiye Pierre yabishikirije uwo munyagihugu ngo yafatanwe ibirwanisho bitari bike kuko muvyo yafatanwe hari harimwo: Amasharijeri 6 (chargeurs)y’inkoho ya karashi (Kalashnikov)AK47 ,hamwe namagrenade 3 ,namasasu ashika kuri 19 hamwe n;imouzu z’igisirikare zishika kuri 6

pierre nkurikiye:bishasha.com

Ibi birwanisho bikaba bifashwe mugihe hasigaye imisi mike cane kugira ngo ikiringo umukuru w’igihugu yatanze kugira abazoba bafise ibirwanisho batabifitiye uruhusha gisigaje imisi 4 gusa.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply