Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Nkuko vyari vyamenyeshejwe n’umuhari Red Tabara ko kuruyu wagatanu utegerezwa gushira ahabona uwusanzwe awuserukira akaba n’umukuru w’ingabo zuwo muhari ,imvugo yabo yabaye ingiro .

Murwandiko ruto cane ,umuhari wiyemeje kurwanya Petero Nkurunziza hakoreshejwe umuheto, wasize hanze kuruyu wa gatatu 12-2-2016,umuhari Red Tabara wamenyesheje ko General Major Biremba Merchiade  kwariwe aserukira akongera akarongora abasirikare ba Red Tabara .

Naho uyu muhari utashoboye kuvuga neza umwidondoro wuyu musirikare w’ipeta rya General Major yahawe ico kibanza ,uyu murwi wamenyesheje ko ejo aho bukera ko bashira ahabona umwidondoro wose wuyu musirikare wabo wo kurwego rwo hejuru.

Urwandiko rwasizwe ahabona na Red Tabara mugihe yariko iramenyesha umuronozi wayo mushasha mukuru w'ingabo

Urwandiko rwasizwe ahabona na Red Tabara mugihe yariko iramenyesha umuronozi wayo mushasha mukuru w’ingabo

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply