Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mu Rubanza Rwashashe mu ntara ya Gitega kuruyu wa Mbere igenekerezo rya 4 nzero 2015,abagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza bagiye imbere yabacamanza ndetse umwe mubari kw’isonga mubashaka gutembagaza ubutegetsi yemera icaha.

Naho  Gen Cyrille Ndayirukiye  yemanze icaha co gushaka guhirika ubutegetsi  ,yagiriyeko amenyesha ko intumbero yiwe kwari ugushaka gukingira ibwirizwa nshingiro hamwe n’amasezerano ya Arusha yariko arahonyangwa.

Gen Cyrille Ndayirukiye imbere ya sentare nkuru ya Gitega

Gen Cyrille Ndayirukiye imbere ya sentare nkuru ya Gitega

Gen Cyrille Ndayirukiye yongeye guhakana ko ivyaha bamwagiriza nko  kwica aba Polisi ,kwica  abasirikare n’abanyagihugu no gutuma abanyagihugu baja mu migumuko .

Cyrille Ndayirukiye Yongeye Gusaba Ubutungane Ko Potien Gaciyubwenge Yahoze Ari Umushikiranganji Wo Kwivuna Abasi, Gen Major Prime Niyongabo Na Gen Godefroid Niyombare Barengutswa Mu Butungane kuko yemeza ko mugihe bategura umugambi wo gutembagaza ubutegetsi bari kumwe bose.

Aba polisi bakaba bari benshi murico kibanza

Aba polisi bakaba bari benshi murico kibanza

Uru rubanza rwaba bagirizwa gutembagaza ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza rukaba ruzobandanya kumusi wa gatatu itariki 6 nzero 2016 hariya nyene muntara ya Gitega.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply