Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika bwana Barrack Obama yongeye gufatira ingingo ruhasha abategetsi bu Burundi ,mugihe yaheruka gukura uburundi mw’ishirahamwe AGOA ,ubu naho yafashe yafatiye ibihano bane muntwazo ngabo zo hejuru mugisirikare c’uBurundi.

Aba bafatiwe ibihano ni bane bose muri rusangi  nabo bakaba araba bakurikira:

1:Alain Guillaume Bunyoni:

downloadAlain Guillaume Bunyoni asanzwe ari umushikiranganji w’umutekano muriko gihe ,akaba ari n’umwe muba general bavanye na CNDD FDD kurugamba mumwaka wa 2005 ,akaba ari mubashigikiye cane umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Alain Guillaume Bunyoni akaba yagirijwe ko kukiringo amaze atwara aba police yakoranye cane n’urwaruka rwo mumugabwe CNDD FDD (imbonerakure muguhungabanya umutekano wabanyagihugu yarajejwe kucungera)

2:Godefroid Bizimana
CEKZ5-rWoAENSUMGodefroid Bizimana asanzwe ariwe arongoye igipolisi c’uBurundi  gushika iyi saha ,nawe yaje kumwanya wa kabiri mubo igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika cafatiye ibihano.

Godefroid Bizimana nawe yagirizwa guhohotera abari mumyiyerekano yariko iriyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza kuva mu kwezi kwa ndamukiza

3:Godefroid Niyombare25c41572b72891714b0f1c19fa2d370307a0c64c

Godefroid Niyombare  umwe mubahoze bakomeye mumugabwe wa CNDD FDD akaza no gushaka guhirika ubutegetsi itariki 13 rusama ariko bikanka yaje kumwanya wa gatatu wabafatiwe ibihano na reta zunze ubumwe bwa Amerika .

Ico Godefroid Niyombare yazize  sikindi  atari ugushaka gutembagaza ubutegetsi itariki 13 rusama 2015 ,ivyatumye haba uruhagarara mugihugu bigatuma ubuzima bwabamwe mu barundi buhasigara.

4:Cyrille Ndayirukiye:

Burundi's former Defense Minister Ndayirukiye points to a direction during a attempted coup in the capital Bujumbura

Cyrille Ndayirukiye asanzwe ubu abarizwa mw’ibohero rikuru rya Gitega ,nawe yazize ikosa rimwe na mugenziwe ryo gushaka gutembagaza ubutegetsi mu Rusama .

Muraba bane bafatiwe ibihano babiri basanzwe baterekwa ubutegetsi bwa Nkurunziza Petero mugihe abandi babiri basanzwe bacuditse cane na Petero Nkurunziza.

 

Ibi bihano vyafashwe na reta zunze ubumwe bwa Amerika bibuza abo bane guhonyora kubutaka bwico gihugu ndetse bukanabaka uburenganzira bwose bwotuma bagira ico bokorana n’umuntu asanzwe afise ubwene gihugu bwa Amerika.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply