Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Igitere ca grenade  muri zone ya gatumba imwe muri zone ziherereye kuruhande rwa Republika iharanira intwaro rusangi ya congo.

Kumurwa mukuru wa Zone ya Gatumba habereye igitero ca Grenade ,aho hahise hitaba Imana abantu babiri mugihe abandi bakomeretse cane ,ndetse baca banyarukanwa kubitaro vyegereye ngahohari ubwo bunwero.

Amakuru aturuka ngaho mugatumba ,yemeza neza ko abantu batamenyekanye baje ngaha murubwo bunwero bagateramwo ibisasu vya grenade hama bagaca batungwa nayo bameze .

Amafoto hasi yabakomeretse

12311033_1159635844064523_6694942406226114796_n 12341370_1159635824064525_1850878902807299187_n

Ibi bikaba bibaye inyuma yumusi umwe gusa umushikiranganji w’umutekano bwana General Alain Bunyoni amenyeshereje ko umutekano aruko uragaruka mugihugu nka hose ndetse ko ibice birenga 90% bitekanye.

Iki kikaba kibaye igitero cambere ca Grenade kibaye muri zone ya Gatumba kuva ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza vyatangura mukwezi kwa kane.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply