Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Icegera cambere c’umukuru w’igihugu bwana Gaston Sindimwo yagize ico ashikiriza inyuma yaho umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’ububirigi Didier Reybders amenyeshereje ko igihugu ciwe citeguye kurungika abasirikara mu Burundi mugihe abategetsi bu Burundi batoja mu biganiro bihuza bose harimwo nabashunze igihugu.

Kubwa Gaston Sindimwo icegera cambere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ubwambere bagiye kuraba imigenderanire y’uBurundi n’uBubirigi ingene yomera neza gusumba.

Gaston Sindimwo yabandanije amenyesha ko kuba Didier Reybders yitora akamenyesha ko biteguye kurungika abasirikare mu Burundi ko vyerekana neza ko bari inyuma yibiriko biraba kandi ko batazokwemera nagato ko ikindi gihugu gifatira ingingo uBurundi.

Umviriza mu majwi Gaston Sindimwo(Amajwi tuyakesha Radio Bujumbura international)

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply