Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Gael Bigirimana umwe mubakinyi babarundi basanzwe bakina mugihugu c’ubwongereza mwihiganwa rya Premier league  yoba yamaze gufata indege imushikana i Bujumbura ahaje gufasha urugamba umurwi nserukira gihugu Intamba murugamba.

Gael Bigirimana  yaheruka kwemerera  abajejwe gutunganya ivy’umupira wamaguru mu Burundi ko agiye gutangura kuza araza gufasha urugamba umurwi w’Intamba murugamba  muntumbero zo guhiga uburenganzira bwo kuja gukina inkino zigikombe c’isi hamwe n’igikombe ca Africa,ubu imvugo yiwe yamaze kuja mungiro kuko yamaze gufata indege iza kumushikana ngaha i Bujumbura .

Gael Bigirimana asanzwe arumukinyi w’umurwi wa Newcastle United ,umurwi wo mucicaro c’ambere mugihugu c’ubwongereza,uyu mukinyi Gael Bigirimana asanzwe yambara numero 35 muruwo murwi ,Gael Bigirimana asanzwe arumwe mubakinyi bo hagati ba newcastle united yo mubwongereza.

Gael Bigirimana rero abaye umukinyi wambere w’umurundi yemeye kuza gufasha bagenziwe azoba aje aturutse mumurwi  usanzwe ukina muri w’ubwongereza Premier league  ,ibi rero bikaza kwakirwa neza nabakunzi bumupira w’amaguru mu Burundi niraburya uyu mukinyi vyamye bivurwa kuva kera kwazoza gukinira u Burundi ariko atari bwashobore kuza n’incuro nimwe.

Hamwe atacohinduka bitegekanijwe ko  Gael Bigirimana aza gushika ngaha mugisagara ca Bujumbura mumasaha yo kumugoroba .

Raba hasi mumafoto Gael Bigirimana ari kukibuga c’indege ariko yitegurira kuza i Bujumbura

12219556_1113566541986747_6590214832872557399_n12239414_1113566595320075_6871119164982749482_o

Gael Bigirimana kw’ifoto arikumwe na Mutima Constantin ,umwe mubitanze cane kugira Gael Bigirimana ashobore kuza gufasha Intamba mu Rugamba.


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply