Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Gael Bigirimana umwe mubakinyi babarundi basanzwe bakina mugihugu c’ubwongereza mwihiganwa rya Premier league  yoba yamaze kwemerera abajejwe gutunganya ivyumupira wamaguru mu Burundi ko agiye gutangura kuza araza gufasha urugamba umurwi w’Intamba murugamba muntumbero zo guhiga uburenganzira bwo kuja gukina inkino zigikombe c’isi hamwe n’igikombe ca Africa.

Aya makuru akaba yashikirijwe na bwana Costantin Mutima  umwe mubari bahuye na Gael Bigirimana kugira bavugane kukibazo zo kuza gufasha Intamba murugamba .

Raba musi ivyo Constantin Mutima yashikirije inyuma yo guhura na Gael Bigirimana

bishasha

Gael Bigirimana akaba asanzwe muri rusangi ari umukinyi wa Newcastle united imwe mw’ikipe imaze igihe kinini muri premier league (ihiganwa ryo mubwongereza ry’umupira w’amaguru)

Gael Bigirimana akaba yaramaze imisi no mubihe bigoye kubera ubugwayi budasanzwe yaraheruka guhura nabwo ,ndetse ivyo bikaba vyanatumye aca atakaza ikibanza ciwe mw’ikipe nkuru ya Newcastle United , akajanwa mumurwi wa kabiri w’uwo murwi ,ariko ubu bikaba vyongeye kwemezwa ko aho aho amagara yiwe yongereye kuba meza kwagiye gusubira m’umurwi wiwe mukuru ariwo Newcastle United A.

Hamwe atacohinduka munyuma uyu mukinyi Gael Bigirimana azoba ari mubakinyi b’Intamba murugamba bazoja gutana mumitwe n’umurwi w’igihugu ca Republika iharanira inwaro rusangi ya Congo ,ariko akaba yamenyesheje ko urukino ruzobera ngaha iBujumbura kwatazoshobora kugwitaba ariko ko yoza gukina murwo kw’ishura ruzoba ruriko rurabera iKinshasa .

bishasha.com:Bigirimana Gael Gael Bigirimana (Overview_ Profile)

 


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply