Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kuva  aho Melchior Ndadaye ,incungu ya Democratie akaba n’umukuru w’igihugu wambere yaratowe n’abarundi agandaguriwe ,abavyeyi biwe ntibigeze bibukwa na gato  n’abari mu mugabwe Melchior Ndadaye yavamwo  ndetse  n’ubuzima bwabo bukaba bwabandanije buba bubi cane naho uyu mugabwe wasinzwe ushinzwe ukanakomezwa na Melchior Ndadaye wagumye mu Butegetsi kuva mu mwaka wa 1993 .

Sahwanya FRODEBU yasinzwe na Melchior Ndadaye ,umuhungu wa Pio Ndayaye hamwe na Thérèse BANDUSHUBWENGE wagumye mu nzego z’uBurundi kuva Melchior Ndadaye akigandagurwa ndetse uyu mugabwe nyene ukaba waranashoboye kuronka akanya ko kuroramutswa igihugu kuva mu mwaka wa 2002 gushika mu mwaka wa 2005.

Naho Sahwanya FRODEBU barose ako karyo keza ko kuja kubutegetsi babihawe ahanini n’iragi rya Melchior Ndadaye ,abasanzwe bari muruwo mugabwe ntibigeze bibuka na gato abavyeyi bu watumye bashika aho bari kuko atagikorwa na kimwe c’iterambere bamukoreye canke ngo banamufashe mubundi buryo.

Mu myaka yose abasanzwe bari mu mugabwe wa FRODEBU bamaze kubutegetsi,umuvyeyi umwe wa Melchior Ndadaye yarasigaye yagumye aba munzu yari yavukiyemwo Melchior Ndadaye mu mwaka wa 1953.

Inzu Melchior Ndadaye yavukiyemwo

Thérèse BANDUSHUBWENGE ,umuvyeyi  umwe rudende asigaye wa  ,Melchior Ndadaye yaje kuronswa inzu yo kubamwo mu mwaka wa 2006 ayihawe n’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza mugihe yaramaze umwaka umwe gusa kubutegetsi .

Thérèse BANDUSHUBWENGE yarose inzu yamatafari ahiye n’amabati mu mwaka wa 2006 inyuma y’umwaka umwe ,Pierre Nkurunziza agiye kubutegetsi.

Inyuma yo kuronswa iyi nzu ,Thérèse BANDUSHUBWENGE akaba aheruka kuronswa umuyaga nkuba hamwe n’imbonesha kure n’ishirahamwe Regideso navyo bifashwe mu mugongo n’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza.

Kw’igenekerezo rya 13 munyonyo 2016 umukuru w’igihugu yagiye kuraba umuryango wa Melchior Ndadaye.

Si ,Pierre Nkurunziza gusa rero biboneka ko yitaye kuri Thérèse BANDUSHUBWENGE ,kuko n’icegeracambere c’umukuru w’igihugu nawe yakoze urugendo kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 10 kigarama2016 aja gushigikira umuryango wa Melchior  Ndadaye .

Gaston Sindimwo naweyagiye gushigikira umuryango wa Melchior Ndadaye

 

Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru yacu kumwanya kuri Facebook


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira

Leave a Reply