Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yaho hatangarijwe ko Ali Bongo ariwe yatahukanye amatora y’umukuru w’igihugu ca Gabon kw’igenekerezo rya 27/8/2016 ,abantu bashika mu majana barahagaritse n’inzego z’umutekano kubera hakimara gutangazwa ko Ali Bongo Ondimba ariwe yatsinze abayoboke ba Jean Ping bari basanzwe bahiganwa baciye biha amabarabara baja kwiyamiriza iyo tsinzi

Murabo rero babuze binugwanugwa ko hoba harimwo bamwe mubenegihugu ba France baburiye muriyo migumuko ari nako guca hafatwa ingingo yo kurungika abairikare baba faransa mu ntumbero yo gucungera abanyagihugu babo bari murico gihugu.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu wa Gabon akaba yamenyesheje ko mubisanzwe mugihugu ca Gabon hasanzwe habarizwa abanyagihugu bubu faransa barenga ibihumbi cumi na bitanu (15000)bsanzwe bakora ibikorwa bitandukaye mwico gihugu.

Naho rero bimezuko mubakunda kwihweza ibintu n’ibindi mubijanye na Politike muri Africa basanga kwongereza abasirikare ba bafaransa muri Gabon bisa naho ari nugutangura gusenyura bukebuke kubutegetsi bwana Ali Bongo ndetse ko ivyashikiye mugenziwe Bagbo wa Cote d’ivoire nawe arivyo bishobora kumushikira bakamukura kubutegetsi kunguvu.


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu, Politic

Leave a Reply