Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yaho intumwa 15 zari zarungitswe n’ishiramwe mpuzamakungu mu Burundi ziviriye mu Burundi kuraba icokorwa kugira umutekano ugaruke ,bamwe murizo ntumwa  bari bahagaze kuciyumviro co kutarungika abasirikare ba MAPROBU mu Burundi ahubwo batangaza iciyumviro co kurungika abahinga mu vy’igipolisi kugira baze kurabira hafi ibibera mu Burundi bongere bakarishirize ubwenge aba Polisi bu Burundi mukubigisha amategeko abereye mu gucunga umutekano w’umwenegihugu.

Iki c’iyumviro  mubisanzwe cari zasabwe na reta ya Russia ,ariko kuyindi ncuro igihugu c’uBufaransa congeye gusa inama nkuru ijejwe umutekano kw’isi(ONU) kwihutira kurungika abahinga muvyigi  Polisi mu Burundi.

648x415_illustration-gendarme-gendarmerie

Iki gipolisi ngo ntakindi coba kije gukora atari guha inyigisho zibereye aba polisi bu Burundi hamwe no kugumiza ijisho kuba Polisi bu Burundi niraburya aribo bakunda kwagirizwa ubwicanyi bukorerwa abanyagihugu.

Naho abashobora kurungikwa batarashobora kumenyekana ,igihugu c’uBufaransa casavye inama ijejwe umutekano kw’isi (ONU) kunyarutsa gushira mu ngiro iyo ngingo ndetse bakanagondoza umukuru w’igihugu c’uBurundi kugira ashobore kwemera aba ba Polisi bashaka kurungikwa mu Burundi.

Tubibutse ko iyi ngingo kugira ije mungiro itegerezwa kwemezwa n’ibihugu bisanzwe biri mu Nama nkuru y’umutekano kw’isi ,ndetse bikanemezwa na Reta y’uBurundi.

 

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply