Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

FC BARCELONA,Umurwi w’umupira wamaguru wo mugihugu ca Espagne usanzwe ukundwa cane kw’isi ndetse usanzwe unafise n’abakinyi bakundwa cane kw’isi yatahukanye igikombe c’isi c’imirwi yabaye iyambere kumugabane iwayo.

Uyu murwi wa FC Barcelona watahukanye iki gikombe bitabagoye nagato kuko abakinyi babo babasatirizi bari bifatiye urukino muntoke ndetse banereka ikipe bariko barakina kwari ibihangange,ataho bahuriye.

Iki gikombe uyu murwi watahukanye ,FC Barcelona yagitahukanye mugihe yarihejeje gutsinda ibitsindo bitatu (3) umurwi wa River plate.

Ibi bitsindo bitatu vyumurwi wa Fc Barcelona vyinjijwe n’abasatirizi babo gusa ndetse kizigenza wabo Lionel Messi niwe yatanguye kwinziza icambere kumunota wa 36 w’urukino ,mugihe mugenziwe Louis Suarez ariwe yatsinze ibindi 2 ,akaba yashoboye kuvyinziza mugice ca kabiri c’urukino kimwe kumunota wa 49 mugihe ikindi yacinjije kumunota wa 68 w’urukino.

Iki gikombe umurwi wa Fc Barcelona itahukanye biciye biyituma iza kumwanya wambere mu mirwi isanzwe ifise ibi bikombe vyinshi kuko ubu itwaye igikombe ca gatatu mugihe atayindi ekipe irakwiza ivyo bikombe 3.

Umurwi wa Fc Barcelona ukaba unashoboye gutahukana ibikombe 5 vyose hamwe mugihe c’umwaka umwe gusa ,mugihe mukeba wabo Real Madrid batigeze batahukana igikombe nakimwe muruyu mwaka wa 2015

Raba hasi amafoto ya Fc Barcelona uko bishimiye igikombe bari bahejeje gutahukana

12362901_864770740288524_106709370085082968_o12375051_864771166955148_1077135418651143694_o

 


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply