Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umurwi wa Fc Barcelona usanzwe ufatwa mu mirwi ikomeye mu gihugu ca Espagne hamwe no kw’isi yose uhejeje gutahukana igikombe cabo kigira ica 24 mw’ihiganwa rya la Liga mu gihugu ca Espagne.

Iki gikombe kigira 24 ,umurwi wa Fc Barcelona ukaba wagitahukanye  ubifashijwemwo n’umusatirizi wabo Luis Suarez mugufasha umurwi wiwe gutsinda ibitsindo 3 vyose arumwe  mururu rukino rwariko rurabahuza na Grenada ,ari navyo vyahaye amahigwe yose Fc Barcelona yo gutahukana igikombe.

Abakinyi ba Barca bishimira igitsindo cari gihejeje kwinzizwa na Luis Suarez

Abakinyi ba Barca bishimira igitsindo cari gihejeje kwinzizwa na Luis Suarez

Iki gikombe Fc Barcelona ikaba igitwaye mu gihe yariko irakigwanira na mukeba wayo Real Madrid bari basanzwe barusha inota rimwe gusa  mu nkino 37 bose bari bamaze gukina.

Uru rukino rero rukaba ruheze umukinyi Luis Suarez ashoboye kurusha Cristiano Ronaldo igitigiri c’ibitsindo yinjije mw’ihiganwa ry’umwaka wa  2015-2016,aho Luis Suarez yinzije ibitsindo 40 vyose hamwe mugihe Cristiano Ronaldo wewe yinjije ibitsindo 35 gusa.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………


Categories: Amakuru, Inkino, Mumakungu

Leave a Reply