Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abakozi batandatu bakora mu murwa mukuru wa Tanzania ,bahanishijwe igihano camasaha atandatu (6hrs)bapfunnzwe kubera ugushika kukazi bacerewe .

Iki gihano kiri mumugambi w’umukuru w’igihugu mushasha wa Tanzania ,bwana John Pombe Magufuri,mwisekeza yatanguje ryo kurwanya ibiturire no guhindura ivyiyumviro vyabanyagihugu ba Tanzania.

Nkuko vyatangajwe n’ikimenyesha makuru co ngaho muri Tanzania ,abakozi batandatu baje bacerewe ikiringo kigera c’amasaha 2  mu nama yariko ihuza abayobozi bo kugwego rwo hejuru mu muji wa Dars es salaam ,ariko ntibigeze bihanganigwa nagato nuwariko akoresha iyo nama arinawe yarabarongoye ahubwo yaciye ashira mungiro igihano giheruka gushirwaho n’umukuru w’igihugu mushasha co gupfunga abo bari baje bacerewe amasaha atandatu.

Aba bari muriyo nama bakaba bari gutegerezwa kwiga kukibazo camatongo cari kimaze imisi carananiranye kubera ibiturire .

Nkuko vyashikirijwe nuwahaye ibihano abo bakozi 6 bacerewe ,yamenyesheje ko ivyo abo bakozi bakoze kwari ibitihanganigwa ,kandi ko bakwiye guhanwa hisunze igihano umukuru w’igihugu aheruka gushiraho.

John Pombe Magufuri yatowe itariki 25 gitugutu ,yaciye yihutira gusaba abajejwe ico kibazo camatongo cari ciganjemwo ibiturire vyinshi kugikura munzira hakiri kare ,anasaba ababijejwe gutunganiriza abenegihugu atawarya wanguha.

Mwijambo yashikirije inama nshinga mateka y’ico gihugu akimara gutorwa John Pombe Magufuri,yatanze icizere kubanya Tanzania bose yemeza  kwagiye kurwanya igiturire yivuye inyuma yongera yemeza kwagiye gukora ibishoboka vyose ngo ama millioni yabatanzania bari mubukene baronke akazi.

Muriyi misi iheze John Pombe Magufuri akaba aheruka gutangaza ko isabukuru y’ukwikukira kwitazoba nkuko vyari bisanzwe muri Tanzania,ahubwo kuwo musi uzoharirwa gusukura igihugu ca Tanzania,muntumbero yo kudasesagura ubutunzi bw’igihugu hamwe no kurwanya ikiza ca cholera kimaze imisi ciha inkumbi murico gihugu ca Tanzania ,kuko gushika ubu kimaze guhitana abagera kuri 150 mugihe abagera 10.000 bamaze kwandura ico kiza mu mezi abiri aheze.

Vyoba biteye isoni n;agahinda mugihe twofata ama millioni  yamahera ngo turiko turahimbaza imyaka 54 yukwikukira mugihe abanyagihugu baco bariko baricwa na cholera:Amajambo ya John Pombe Magufuri

John Pombe Magufuri akaba yarafashe iyindi ngingo yo kuganaura ingendo zabategetsi ba Tanzania ,anongera amenyesha ko abahora bagendera mubibanza bizimvye bafashe ingendo zindege bitazosubira kubaho ko bazoza bagira mubibanza bisanzwe.

John Pombe Magufuri ubu yatanguye kwitegwaho vyinshi nabanyagihugu ba Tanzania ,ndetse benshi bakaba babona ko ashobora guhindura ibintu vyinshi mu gihugu ca Tanzania.


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply