Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kumyaka 23 yamavuko ,Asmelash Zeferu umusore akomoka mugihugu ca Ethiopia yakoze igitangaza atangura gukora indege ,akoresheje ivyuma vy’izindi ndege vyatawe hamwe n’ivyo we nyene yikoreye.

Kubera ugukunda kuba umudereva w’indege hamwe no kugira indoto zo kuba umuntu ahambaye muvyerekeye Indege  ,kumyaka 12 gusa Asmelash Zeferu yashatse gutangura kw’iga ivyo kugendesha indege akiri muto cane ,ariko ntiyaje kwemeregwa n’ikigo kijejwe kugenzura ivyerekeye indege muri Ethiopia   kubera uburebure bwiwe butabumwemerera,ico gihe Asmelash Zeferu yaje kwankirwa kuja kurutonde rwabashaka kwiga ivyo kugendesha indege.

Inyuma yo kwankirwa kuja mubandi bari bagiye kwiga ivyo kugendesha indege Asmelash Zeferu ntiyacitse intege kuko yumva ko indoto ziwe ategerezwa kuzishitsa.

Asmelash Zeferu yatanguye guhiga uburyo yokwiteraniriza indege yiwe ,kugira indoto ziwe zize zicike ukuri.

Ico gihe Asmelash Zeferu yatanguye guhiga ivyuma vy’izindi ndege zitagikora ,atangura guterateranya ivyuma vyizo ndege ndetse ibindi agenda  aravyikorera mugihe ibindi yemera akariha amafaranga atari make kugira abironke .

Inyuma y’imyaka itanu akora ubushakashatsi yongera arondera n’ivyankenerwa vyose,Asmelash Zeferu yifashishije amasanamu yo kuri You Tube y’amahinguriro akomakomeye akora indege ,yabashije guteranya indege yiwe .

Naho amaze kugerageza iyi ndege yiwe kuncuro yambere ikanka kuguruka ,Asmelash Zeferu  yamenyesheje ko afise indoto zo kuzokora iyo ndege yiwe ikaguruka ukuri kwamye  agatangaza aba nyafrica hamwe n’isi yose.

Asmelash Zeferu yamenyesheje ko indoto ziwe ahanini ari kuba umwe mubakora mugwego rujejwe kugenzura ivyerekeye ibigendajuru kw’isi arigwo NASA.


Leave a Reply