Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mu gihugu ca Ethiopia abantu barenga 75 higanjemwo abanyeshure nibo bivugwa ko basize ubuzima mu kwiyamiriza ingingo yafashwe n’ubutegetsi bwico gihugu ca Ethiopia.

Iyi myiyerekano yariko irakorwa mu gihugu ca Ethiopia yariko irakorwa ahanini n’abanyeshure bo murico gihugu ,bariko bariyamiriza ingingo ya Reta yafashe ,yo gufata bumwe mu butaka bwo muntara ya Oromia ngo ibukoreshe mubindi bikorwa .

Inyuma yaho ubutegetsi bwa Ethiopia bufatiye iyo ngingo,abanyeshure bo muriki gihugu ntibigeze bashimishwa nagato niyo ngingo kuko bagiriza reta ya Ethiopia kwishaka kubatwara ubutaka bwabo,arinako guca batangura kwihereza amabarabara kugira berekane akababaro kabo .

Nkuko amakuru abandanya ava  murico gihugu ca Ethiopia abivuga ,aya makuru amenyesha ko aba banyeshure batanguye kwihereza amabarabara mu kwezi kwa Munyonyo muruyu mwaka turimwo nyene(2015) bashaka kwerekana ko ivyo reta yafashe nkingingo ko batabishigikiye na gato.

Kuja mwibarabara kwaba banyeshure rero kwaje kuvamwo ,amarira n’umubabaro kumiryango yabanyeshure bari murico gikorwa ,kuko abarenga 75 muribo igipolisi hamwe n’igisirikare ca Ethiopia cabamijagiyemwo amasasu bagahita bahasiga ubuzima.

Nkuko bitangazwa n’umurwango ujejwe agateka ka zina muntu ,Human Rights Watch (H R W)wamenyesheje ko abanyeshure barenga 75 bariko bariyamiriza ingingo ubutegetsi bwafashe, ko basize ubuzima mu myigaragavyo yariko irabera mu gihugu ca Ethiopia,Human Rights Watch (H R W) ikaba yabandanije inamenyesha ko ibi biharuro vyabahasize ubuzima bibandanya vyiyongera kumusi kumusi .

Ibi rero akaba ataribwo bwambere bibaye aho igipolisi hamwe n’igisoda vya Ethiopia birasa abari mu myigaragamvyo ,kuko no mumwaka wa 2014 ,abantu bagera kuri 21 bishwe n’igipolisi mugihe bariko barakora imyigaragavyo  yo kwiyamiriza ubutegetsi kumugwa mukuru wa Ethiopia .


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply